YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 6

6
Yesu anēbagurwa n’abo mu ntāra y’i wabo
1 # Mat 13:53-58; Luk 4:15-30. Avayo, aja mu ntāra y’i wabo, abigishwa biwe baramukurikira. 2#Yoh 7:15.Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki? 3Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza. 4Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo, no mu muryango w’i wabo, no mu nzu y’i wabo. 5#Mrk 6:13.Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza. 6Atangazwa n’ukutizera kwabo. Agendagenda mu mihana ihakikije, yigisha.
Yesu atuma intumwa cumi na zibiri kwigisha
7 # Luk 10:1. Ahamagara bamwe cumi na babiri, atangura kubatuma babiri-babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.#Mat 10:1, 9-15; Luk 9:1-6. 8Ababuza ngo ntibagire ico bajana ku nzira, atar’ inkoni gusa, ati Ntimujane impamba cank’ isaho cank’ amahera mu mipfuko yanyu, 9ariko mwambare inkweto, kandi ntimwambare amapfundo abiri. 10Kand’ arababgira, at’ Inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu. 11Ahantu hose aho bazokwanka kubākīra ntibabumve, mukivayo muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona. 12Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana. 13#Yak 5:14, 15.Basenda abadayimoni benshi, basīga amavuta abarwaye benshi, barakira.
Ingene Herode yishe Yohana Umubatizi
14 # Luk 3:19, 20. Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.#Mat 14:1-12; Luk 9:7-9. 15Arikw abandi baravuga, bati Ni Eliya; abandi bati N’umuntu avugishwa n’Imana, nka ba bandi bāvugishwa na yo. 16Ariko Herode avyumvise, aravuga, ati Yohana uwo naciye izosi ni we yazutse. 17Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije. 18#Lew 18:16.Kandi Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’ufise muka mwene so. 19Ni co catumye Herodiya amugirira akazīka, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo: 20kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva. 21Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke. 22Umukobga wa Herodiya nyene arinjira aratamba, Herode n’abashitsi biwe baramushima. Umwami abgira uwo mukobga, ati Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha. 23#Est 5:3-6.Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje. 24Arasohoka, abaza nyina, ati Nsabe iki? Aramwishura, ati Saba umutwe wa Yohana Umubatizi. 25Aca aza ah’ umwami ari n’ingoga, aramusaba, ati Ndagomba k’umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe. 26Umwami arababara cane, ariko kubga za ndahiro ziwe, no kubg’ abāsangira na we, bimunanira kuwumwima. 27Uwo mwanya umwami atuma umushibamyi, amubarira kuzana umutwe wa Yohana. Aragenda, amucira izosi mw ibohero, 28azana umutwe wiwe ku kibehe, awuha wa mwigeme, na we awuha nyina. 29Abigishwa biwe bavyumvise baraza, bajana ikiziga ciwe, bagihamba mu cobo.
Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu
30 # Luk 9:10; 10:17. Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije. 31Arababgira, ati Ni muze mwebge mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya. Kuko hāri benshi banyurana, babura n’ingene botamira utwo kurya. 32#Mat 14:13-21; Luk 9:11-17; Yoh 6:1-13.Bagenda mu bgato, baja ahantu h’agahinga kwiherērayo. 33Bababona bagenda, benshi barabamenya, bava mu bisagara vyose, barirukanga, bajana inkōkoro#6:33 rāba Mat 14:13. y’ikiyaga, babatangayo. 34#Guh 27:17; Ezk 34:5; Mat 9:36.Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha vyinshi. 35#Mrk 8:1-9.Umusi ukuze, abigishwa biwe baramwēgēra, bati Mbega hano hantu kw ari mu gahinga, umusi ukaba ukuze; 36basezere, baje mu misozi no mu mihana impande zose, kwirondereray’ ivyo kurya. 37Arabishura, ati Mube ari mwebge mubagaburira. Baramubaza, bati Tugende tugure imitsima y’idenariyo#6:37 idenariyo imwe n’ihera ryagererwa umuntu ku musi. amajana abiri, tuyibahe ga barye? 38Na we arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Ni mugende muyirābe. Babimenye baramwishura, bati Ni dutanu, n’udufi tubiri. 39Ababarira ko bose bicara ku vyatsi bibisi bīcīye intēko. 40Bicara imirongo‐imirongo, hamwe ijana‐ijana, ahandi mirongwitanu‐mirongwitanu, bartyo bartyo. 41#Mrk 7:34.Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y’abantu, n’ifi zompi na zo arazibagaburira bose. 42Bararya bose barahāga. 43#Gus 28:5.Batororokanya utumanyagu tw’imitsima n’utw’ ifi, twuzura ibisimbo cumi na bibiri. 44Abāriye iyo mitsima bār’ abagabo ibihumbi bitanu.
Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga
45 # Mat 14:22-36; Yoh 6:15-21. Uwo mwanya agōbēra abigishwa biwe ngo batambukire mu bgato, bitangire kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero. 46Ahejeje gusezerana na bo avayo, adūga umusozi gusenga. 47Bgagorovye, bga bgato bushitse mw idamba, ariko we yar’ i musozi wenyene. 48Abonye ko batamijwe no gusōza, kuk’ umuyaga war’ ubaturutse imbere, ku muteramyi agira kane aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, yagira abarengane. 49Ariko babonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, bagira ngo n’igihūme, batura ubuku. 50Bose baramubona, basimbga n’umutima. Arik’ uwo mwanya arabavugisha, ati Hūmura ni jewe, ni mureke gutinya. 51#Mrk 4:39.Aratambuka, aja mu bgato bārimwo: umuyaga uraca. Barumirwa cane mu mitima yabo: 52kuko batātahuye ivya ya mitsima, arikw imitima yabo yar’ ikomantaye.
Yesu akiza abarwaye benshi
53Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti, bazirika ubgato ku nkombe. 54Bavuye mu bgato, abaho baca baramumenya. 55Birukanga impande zose mur’ ico gihugu cose, batangura guterura abarwaye mu nderuzo, babakwiragirana aho bamwumvise hose. 56#Mrk 5:27, 28; Ivyak 5:15; 19:11, 12.Kand’ aho yaja, mu mihana canke mu bisagara canke mu misozi, bāshira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.

Currently Selected:

Mariko 6: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in