YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 43

43
Basubira muri Egiputa
1Nuko amapfa arushiriza gukomera mu gihugu. 2Za ngano bari barakuye muri Egiputa zigiye guhera, se Yakobo arababwira ati: “Nimusubireyo mugure utundi twokurya.”
3Ariko Yuda aramubwira ati: “Wa mugabo yatwihanikirije ata gufyina ati: ‘Sinze nsubire kubabona imbere yanje mutari kumwe n’umuhererezi wanyu.’ 4Niwaduha Benyamini tukajana, duca tugenda tuje kukugurira ivyokurya. 5Ariko nutaduha Benyamini ngo tujane, natwe ntitugenda. Umenye ko wa mugabo yatubwiye ati: ‘Sinze nsubire kubabona imbere yanje mutari kumwe n’umuhererezi wanyu.’ ”
6Isirayeli arababaza ati: “Ni kuki mwankoreye ikibi nk’ico, mukamubwira ko mufise uwundi muvukana?”
7Baramwishura bati: “Uwo mugabo yagumye atubaza ibijanye n’umuryango wacu. Yatubajije ati: ‘So aracariho? Hari uwundi muhungu muvukana?’ Natwe duca twishura ibibazo atubajije. Twari kwibaza gute ko ahava avuga ngo: ‘Nimugende muzane umuvukanyi wanyu’?”
8Yuda abwira se Isirayeli ati: “Nyemerera njane n’uwu muhungu, hanyuma dufate urugendo, kugira ngo ntitwicwe n’inzara, twebwe, wewe n’imiryango yacu. 9Jewe ndamwishinze. Nintamugarukana, uze umumbaze. Niyo ntamukugarukanira, nzokwama nikoreye ico caha imbere yawe. 10Iyo tudatakaza uwu mwanya, tuba tumaze gusubirayo kabiri.”
11Nuko se Isirayeli arababwira ati: “Ko ata kundi bitegerezwa kugenda, nimubigenze uku: nimushire mu mifuko yanyu ibintu vy’agaciro vyo muri kino gihugu, mubishire uwo mugabo nk’ingabire. Mujane umuti wo gusomora muke witwa balimu, ubuki buke, ibimota neza, ibiyoba na alumonde. 12Mujane na ya mahera mwasanga basubije mu mifuko yanyu y’ingano, birashoboka ko bihenze. Hanyuma mujane n’ayandi mahera yo kugura ingano. 13Mujane kandi na Benyamini murumuna wanyu, musubire kwa wa mugabo. 14Imana Mushoboravyose ize itume uwo mugabo abagirira impuhwe abasubize Benyamini n’umuvukanyi wanyu Simeyoni mugarukane. Nanje, nimba ntegerezwa kubura abana banje, nta kundi nzobabura.”
15Nuko batekera za ngabire n’imitigiri ibiri y’amahera bakeneye. Bajana na Benyamini muri Egiputa, biyereka Yosefu. 16Yosefu ababonye bari kumwe na Benyamini, abwira umukozi yari ajejwe inzu yiwe ati: “Jana aba bantu iwanje, ubage igitungwa hanyuma ugitegure; kuko isaha zitandatu nsangira na bo.”
17Wa mukozi akora uko Yosefu amutegetse, abajana i muhira kwa Yosefu. 18Bariko barabajana kwa Yosefu, bagira ubwoba, bibaza bati: “Batujanye kubera ya mahera twasanga basubije mu mifuko yacu ca gihe ca mbere. Bahava badutera, batugirire nabi, batware indogoba zacu, hanyuma batugire abagurano.”
19Bashitse ku muryango w’inzu ya Yosefu, ba bavukanyi begera wa mukozi ajejwe urugo rwa Yosefu, baramubwira bati: 20“Nyakwubahwa, twebwe twari tumaze kuza hano muri Egiputa tuje kugura ivyokurya. 21Hanyuma turiko turasubira iwacu, dushika ahantu turara, maze twuguruye imifuko yacu, dusanga amahera y’umuntu wese ari hejuru mu mufuko wiwe, kumwe yangana nyene ata gihaze! Ehe ng’aya turayagarukanye. 22Twazanye ayandi yo kugura ivyokurya. Ntituzi uwasubije amahera yacu mu mifuko yacu.”
23Wa mukozi arabishura ati: “Nimutekane, ntimugire ubwoba! Ni Imana yanyu, Imana ya so, yashize ubwo butunzi mu mifuko yanyu. Jewe ndazi ko amahera mwarishe yanshikiriye.” Maze arekura Simeyoni, aramubazanira.
24Nuko abinjiza mu nzu kwa Yosefu, abazanira amazi kugira ngo boge ibirenge; aha n’indogoba zabo ivyokurya. 25Bari bumvise ko baja gufungura kwa Yosefu, nuko bategura ingabire zabo barindiriye ko ashika isaha zitandatu.
26Yosefu ashitse i muhira, bamuha za ngabire bamuzanira, barunama bashika hasi imbere yiwe. 27Ahejeje kubaramutsa, arababaza ati: “Mwarambwiye ko so ashaje. None arakomeye? Yoba akiriho?”
28Baramwishura bati: “Egome, data umusavyi wawe aracariho kandi arakomeye.” Bongera barunama bashika hasi imbere yiwe.
29Yosefu abonye murumunawe Benyamini, arababaza ati: “Uwu ni wa muhererezi wanyu mwambwira? Imana ikugirire ubuntu, muhungu wanje.” 30Nuko Yosefu ava aho bari bicaye yihuta, kuko ibigumbagumba vyo kubona murumunawe vyari bimurengeye, yumva ashaka kurira. Nuko aja mu cumba ciherereye, araturika ararira.
31Ahejeje kwihanagura, aragaruka yigumije. Aravuga ati: “Nimuzane ivyokurya.”
32Nuko bazanira Yosefu ivyokurya ku meza yiwe, bene se babashirira ku meza yabo, n’Abanyegiputa bari baje gufungura kwa Yosefu babashirira ku meza yabo; kuko Abanyegiputa barakumira Abaheburayo, ntibashobora gusangira na bo. 33Nuko yicarika bene se imbere yiwe, abatondeka akurikije imyaka yabo, kuva ku mukuru gushika ku muto. Bose bararabana baratangara cane. 34Nuko Yosefu asaba ko babaha ivyokurya bivuye ku meza yiwe, ariko Benyamini amuha ibiruta ivy’abandi bose incuro zitanu. Nuko bararya kandi baranywa gushitsa bahimvye.

Currently Selected:

Itanguriro 43: BKC

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in