Yohana 7
7
Yesu aja ku musi mukuru yinyegeje
1Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica. 2Ico gihe, umusi mukuru w’insago Abayuda bahimbaza wari wegereje. 3Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora. 4Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!” 5Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.
6Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza. 7Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi. 8Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.” 9Ahejeje kubabwira ivyo, aca aguma mu ntara ya Galilaya.
10Ariko bene nyina bamaze kugenda ku musi mukuru, Yesu na we aragenda ariko ntiyajayo ku mugaragaro, agenda yinyegeje. 11Kuri uwo musi mukuru, abakuru b’Abayuda bariko bararondera Yesu, babaza bati: “Ari he?”
12Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.”
Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.” 13Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.
Yesu yigisha ku musi mukuru
14Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha. 15Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”
16Yesu arabishura ati: “Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye. 17Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa. 18Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we. 19Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”
20Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”
21Yesu arababwira ati: “Nakoze igitangaza kimwe ku musi w’Isabato mwese muratangara. 22Ariko namwe iyo mwubahiriza icagezwe ca Mose co gukeba abana b’abahungu ku musi w’Isabato, ico na co ni igikorwa. (Ariko ico cagezwe nticazanywe na Mose, catanguriye kuri ba sogokuruza.) 23Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato. 24Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”
Yoba ari Kristo?
25Ico gihe bamwe mu bantu baba i Yerusalemu batangura kubazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu bashaka kwica? 26Raba, ariko aravuga ku mugaragaro, kandi nta co bamugize. None abakuru boba bemeye vy’ukuri ko ari we Kristo? 27Ariko turazi iyo uwu mugabo ava; Kristo ni yaza, nta muntu n’umwe azomenya iyo aje ava.”
28Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi. 29Ariko jewe ndamuzi kuko mva iwe kandi ni we yantumye.”
30Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike. 31Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”
32Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.
33Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye. 34Muzondondera ariko ntimuzombona; kandi ntimushobora gushika aho ngiye.”
35Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki? 36Yashatse kuvuga iki aho yavuga ngo: ‘Muzondondera ariko ntimuzombona,’ canke ngo: ‘aho ngiye ntimushobora kuhashika’?”
37Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe. 38Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga.” 39Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.
40Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”
41Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.”
Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya. 42Mbega Ivyanditswe ntibivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi i Betelehemu, igisagara Dawidi yabayemwo?” 43Maze bituma abantu batumvikana kubera Yesu. 44Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.
Ukutizera kw’abakuru b’Abayuda
45Hanyuma abarinzi b’urusengero bagarutse aho abaherezi bakuru n’Abafarisayo bari batazanye Yesu, barababaza bati: “Ni kuki mutamuzanye?”
46Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”
47Abafarisayo barababaza bati: “Mushaka kuvuga ko namwe yabazimije? 48Nta n’umwe muri twebwe abakuru canke Abafarisayo yamwizeye. 49Abamwizeye ni iryo sinzi ry’abantu batazi Ivyagezwe, kandi abo bariko umuvumo!”
50Umufarisayo yitwa Nikodemu, umwe yaja aho Yesu yari ari mw’ijoro, arababaza ati: 51“Mbega Ivyagezwe vyacu biratwemerera gucira urubanza umuntu tutabanje kumwumviriza ngo tumenye ivyo yakoze?”
52Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!”#7:52 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya amajambo yo muri Yohana 7:53–8:11 ntirimwo.
[ 53Nuko inama ica irahera, bose barataha.
Currently Selected:
Yohana 7: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.