YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 23

23
Ukwirinda uburyarya n’ukwishira hejuru
1Yesu abwira abigishwa biwe hamwe n’abantu bose bari ngaho ati: 2“Abigisha b’ivyagezwe hamwe n’Abafarisayo bicaye mu kibanza ca Mose. 3Mukwiye rero, kwiyubara mugakora ico cose bababwiye. Ariko ntimukore ivyo bakora, kuko badakora ivyo bigisha. 4Bafata imitwaro iremereye y’amategeko y’idini bakayikoreza abantu ariko bobo ntibanayikozako urutoke.
5 Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi. 6Bakunda ivyicaro vy’icubahiro mu misi mikuru, n’intebe z’imbere mu masinagogi. 7Bakunda kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.
8 Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana. 9Ntihakagire umuntu n’umwe kw’isi mwita ‘data’ kuko mufise Data umwe, ari we So wo mw’ijuru. 10Ntimuze mwemere n’uko babita abigisha kuko mufise umwigisha umwe ari we Kristo. 11Umukuru cane muri mwese, ategerezwa kuba umukozi wanyu. 12Uwishira hejuru azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
Yesu aburira abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo
13 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [14Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Munyaga abapfakazi utwabo, hanyuma mukagira amasengesho maremare kugira ngo mwiyerekane. Ni co gituma muzobona ibara ku musi w’imanza.]#23:14 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo
15 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!
16 Yemwe ndongozi zihumye, muzobona ibara kuko muvuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero rw’Imana, ariko kandi mukavuga ko uwurahiye inzahabu ziri mu rusengero aba yibohesheje iyo ndahiro.’ 17Yemwe mwa mburabwenge zihumye, mbega igihambaye ni ikihe hagati y’inzahabu zo mu rusengero n’urusengero rutuma izo nzahabu ziba izejejwe? 18Muravuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira igicaniro, ariko mukavuga ko uwurahiye ku kimazi kiri ku gicaniro aba yibohesheje iyo ndahiro.’ 19Mwa mpumyi mwe! Mbega igihambaye ni ikihe, hagati y’ikimazi n’igicaniro gituma ikimazi kiba icejejwe? 20Uwurahira ku gicaniro aba arahiye ku gicaniro ubwaco no ku biri kuri co vyose. 21Kandi umuntu wese arahira ku rusengero, aba arahiye ku rusengero ubwarwo no ku Mana iba muri rwo. 22Umuntu wese arahira kw’ijuru, aba arahiye no ku ntebe y’inganji hamwe no ku Mana iyicayeko.
23 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mutanga ikigiracumi kuri vyose gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza ibikomeye vyo mu vyagezwe ari vyo ukugororoka, imbabazi, n’ukwizera. Ivyo ni vyiza, ariko mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije. 24Yemwe ndongozi zihumye! Murayungurura agatuku mu vyo munywa, ariko ingamiya mukayimirira rimwe!
25 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu. 26Yemwe mwa mpumyi z’Abafarisayo! Banza mwoze imbere h’igikombe n’isahani hanyuma n’inyuma hazoheza habe heza.
27 Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye. 28Namwe ni uko, inyuma mugaragara mugororotse, ariko imbere mu mitima mwuzuye uburyarya n’ikibi.
29 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwubakira imva z’abavugishwa n’Imana ba sogokuru banyu bishe, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi ba sogokuru bishe, 30hanyuma mukavuga muti: Iyo tuba twariho mu gihe ca ba sogokuru, ntituba twarifatanije na bo mu gusesa amaraso y’abavugishwa. 31Ariko iyo muvuze gutyo muba mwiyagirije mwebwe nyene ko muri uruvyaro rw’abo bishe abavugishwa. 32Bandanya rero murangize ibikorwa ba sogokuru banyu batanguye!
33 Mwa nzoka mwe, ruvyaro rw’imvuvyi! Mwibaza ko muzokira mute urubanza rwa Gehinomu? 34Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi. 35Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi b’ibihe vyose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe. 36Ndababwira ukuri ko ingaruka z’ivyo vyose zizoba ku bantu ba kino gihe.
37 Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira! 38None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. 39Kuko ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!’#23:39 Zaburi 118:26

Currently Selected:

Matayo 23: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in