YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 25

25
Umugani w’inkumi cumi
1Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe. 2Batanu muri bo bari ab’ubwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge. 3Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta. 4Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. 5Umukwe agitevye kuza, bose bararambirwa, batangura gusinzira.
6 Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’
7 Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo. 8Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: ‘Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.’
9 Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’
10 Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.
11 Mu nyuma, za nkumi z’ubwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
12 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’
13 Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.
Umugani w’ababikijwe ubutunzi
14 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise. 15Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo. 16Wa mukozi yaronka italanto zitanu z’amahera, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu. 17N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri. 18Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.
19 Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe. 20Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’
21 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
22 Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’
23 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
24 Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utasanzaje imbuto. 25Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.’
26 Shebuja aramwishura ati: ‘Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntamije imbuto, 27ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke amahera yanje n’inyugu yayo?’
28 Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: ‘Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise italanto cumi. 29Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwutagira ico afise azokwakwa n’ivyo yari afise. 30Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’
Umugani w’impene n’intama
31 Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji. 32Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. 33Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubampfu.
34 Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa. 35Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro, 36nagenda gusa muranyambika, nari ndwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
37 Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? 38Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? 39Twakubonye ryari urwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
40 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
41 Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe. 42Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa, 43nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, nararwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’
44 Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke urwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
45 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
46 Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”

Currently Selected:

Matayo 25: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in