YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 28

28
Ukuzuka kwa Yesu
1Umusi w’Isabato urangiye, mu mutwenzi w’umusi wa mbere utangura indwi, Mariya Magadalena na Mariya wundi baja kuraba imva ya Yesu.
2Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako. 3Mu maso hiwe hasa n’umuravyo, kandi impuzu ziwe zarera derere. 4Ba barinzi b’imva ya Yesu bagira ubwoba bwinshi ku buryo bamera nk’abapfuye.
5Umumarayika abwira abo bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. 6Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye. 7Nuko rero, nimugende mwihuta mubwire abigishwa biwe ko yazutse kandi ko agiye kubarindirira i Galilaya. Ni ho muzomubonera. Ubwo ni bwo butumwa nari ndabafitiye.”
8Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru. 9Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga. 10Yesu aca arababwira ati: “Ntimutinye; nimugende mubwire bene Data baje i Galilaya, aho ni ho tuzobonanira.”
Ivyavuzwe n’abarinzi b’imva
11Ba bagore bakiri mu nzira bagenda, bamwe mu barinzi b’imva binjira mu gisagara, babwira abakuru b’abaherezi ingene ibintu vyagenze. 12Abo bakuru b’abaherezi baca bagirana inama n’abakuru b’Abayuda, baha amahera menshi ba barinzi b’imva, 13bababwira bati: “Muze muvuge muti: ‘Abigishwa biwe baraje mw’ijoro dusinziriye, biba ikiziga ciwe.’ 14Pilato niyavyumva, tuzomwumvisha nta ngorane muzogira.” 15Abo barinzi bakira ayo mahera hanyuma bakora nk’uko babwiwe. Inkuru yabo ikwira hose mu Bayuda, kugeza n’uno musi.
Yesu atuma abigishwa biwe
16Nuko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yarabarangiye. 17Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya. 18Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. 19Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, 20mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”

Currently Selected:

Matayo 28: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in