YouVersion Logo
Search Icon

Mariko Intangamarara

Intangamarara
Mariko ni we yatororokanije inkuru zo kwandika ubu Butumwa Bwiza azihawe na Petero, uwo yabereye umunyamabanga (1 Petero 5:13), inyuma yo gukorana na Pawulo (Ivyakozwe 12:25). Muri ubu butumwa, turabonamwo ivyerekana ko vyavuzwe n’umuntu yavyiboneye n’amaso yiwe.
Abahinga benshi bibaza ko Mariko yanditse ari i Roma hagati y’imyaka ya 63 na 68. Yandikiye Abakristo bari bakijijwe bavuye mu Banyamahanga, aho agerageza kubasigurira amajambo yo mu rurimi rw’Icarameya n’Igiheburayo n’imigenzo y’ikiyuda.
Mariko ashimikira ku bikorwa Yesu yakoze: yerekana Yesu ariko arakora, akiza abarwaye, agwiza imikate kugira ngo agaburire amasinzi y’abantu. Avuga ku bitangaza bishika cumi n’umunani.
Ibikorwa vya Yesu bigaragaza ubumana bwiwe. Kuva ku murongo wa mbere, Mariko atumenyesha ko Yesu ari “Umwana w’Imana” (1:1), hanyuma ubutumwa bwiwe bugiye kurangira, imbere y’umusaraba, wa musoda w’Umuroma arasemerera ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!” (15:39).
Yamara ivyo bitanganza si ivy’umuntu arondera icubahiro ciwe: Yesu yari azi ko azobabazwa. Ni co gituma Mariko avuga ku buzima bwa Yesu nk’uwitegurira gupfa: mu bice cumi na bitatu vya mbere, Yesu amenyesha incuro nyinshi imibabaro azocamwo. Inkuru zikurikira zivuga ku rugendo yagize ava i Galilaya aja i Yudaya, na zo zimwerekana ariko araduga i Yerusalemu aho yari agiye gupfira.
Naho biri uko, urwo rupfu rwabaye inkuru nziza, kuko Yesu yashikije ubuvugishwa bwa Yesaya (Yesaya 53:12): yazanywe no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi (10:45) kandi, nk’uko yari yarabivuze, yarazutse. Ntivyakunda ko Umwana w’Imana ahera mu mva!

Currently Selected:

Mariko Intangamarara: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in