YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 11

11
Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami
1Bariko baregereza i Yerusalemu, Yesu n’abigishwa biwe bashika ahitwa Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono. Yesu atuma babiri mu bigishwa biwe, 2arababwira ati: “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwahashika, murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura muyizane hano. 3Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo mukora ni ibiki?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye’ kandi aca ayibasubiza adatevye.”
4Nuko baragenda basanga inyana y’indogoba ihagaze mu nzira, iziritse imbere y’irembo. Bariko barayizitura, 5bamwe mu bantu bari bahagaze aho barababaza bati: “Ivyo mukora ni ibiki? Kuki muzitura iyo nyana y’indogoba?” 6Na bo babishura nk’uko Yesu yababwiye, maze barabareka barayijana. 7Nuko baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, na we ayicarako. 8Maze abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo basasa amashami y’ibiti baciye ku misozi. 9Abari imbere ya Yesu n’abari inyuma yiwe bagenda barasemerera bavuga bati:
“Hozana!”#11:9 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo “Dukize!” Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana.
“Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!”#11:9 Zaburi 118:25,26
10“Hahezagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi buje!”
“Hozana hejuru mw’ijuru!”
11Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivyari aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije.
Yesu avuma igiti c’umusukoni
12Ku musi ukurikira, bariko baragenda bava i Betaniya, Yesu yumva arashonje. 13Akiri kure abona igiti c’umusukoni gitotahaye, aca aja kuraba ko hari ivyamwa gifise. Agishikiriye ntiyagira icamwa agisangako, atari amababi kuko kitari igihe caco co kwama. 14Maze aca abwira ico giti ati: “Ntugasubire kwama na rimwe!” Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva.
15Yesu ashitse i Yerusalemu, yinjira mu rusengero atangura kwirukana abadandaza n’abariko baragura. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma, 16ntiyemerera umuntu n’umwe kwinjiza ibidandazwa mu rusengero. 17Nuko aca arabigisha ati: “Mbega Ivyanditswe ntibivuga ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengerwamwo n’amahanga yose’#11:17 Yesaya 56:7 ? Ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’#11:17 Yeremiya 7:11
18Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.
19Bugorovye, Yesu n’abigishwa biwe barasohoka bava mu gisagara.
20Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi. 21Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!”
22Yesu aca ababwira ati: “Mukomere mu kwizera Imana. 23Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye. 24Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha. 25Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [ 26Ariko nimutaharira abandi, na So wo mw’ijuru ntazobaharira ivyaha mwakoze.]#11:26 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
Babaza Yesu aho ubushobozi bwiwe buva
27Nuko Yesu n’abigishwa biwe basubira i Yerusalemu. Yesu ariko aragendagenda mu rusengero, abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe, n’abakuru b’Abayuda baza aho ari, 28baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
29Yesu arabishura ati: “Ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva, nimwishura ikibazo kimwe ngira ndababaze. 30Mbega umubatizo wa Yohana wavuye ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure.”
31Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 32Kandi ntitwovuga tuti: ‘Wavuye ku bantu.’ ” (Kuko baratinya isinzi ry’abantu bari aho, kuko abantu bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.)
33Ni ko kwishura Yesu bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”
Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.”

Currently Selected:

Mariko 11: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in