YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 5

5
Yesu akiza umuntu arimwo impwemu mbi
1Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene. 2Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu ihumanye aza guhura na we avuye mu mva. 3Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo. 4Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza. 5Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.
6Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe. 7Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!” 8Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”
9Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?”
Na we arishura ati: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.” 10Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.
11Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. 12Abo badayimoni binginga Yesu bati: “Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.” 13Nuko Yesu arabemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka mu kiyaga zicwa n’amazi.
14Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye. 15Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni menshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba. 16Ababonye uko vyagenze baca babiganira ivyabaye kuri wa muntu yari aboshwe n’abadayimoni no kuri za ngurube. 17Maze abo bantu baca binginga Yesu ngo abavire mu ntara.
18Yesu ariko arurira mu bwato, wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni aramwinginga ngo bajane. 19Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: “Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi.” 20Wa muntu aca arataha aca i Dekapolisi#5:20 Akarere kagizwe n’ibisagara cumi., atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.
Yesu azura umwana, akiza n’umugore arwaye
21Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari. 22Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe, 23aramwinginga ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.” 24Nuko Yesu ajana na we.
Kandi hari abantu isinzi bari bamukurikiye, bamubanda. 25Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri arwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso#5:25 Yava amaraso mu gihimba ciwe c’irondoka.. 26Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba. 27Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe, 28kuko yibwira ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.” 29Ubwo nyene ya maraso arahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.
30Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje?”
31Abigishwa biwe baramwishura bati: “Abantu bariko bakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: ‘Ni nde ankozeko?’  ”
32Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko. 33Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose. 34Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”
35Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”
36Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, wizere gusa.”
37Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. 38Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bavuza induru n’ijwi rirenga. 39Nuko arinjira, ababwira ati: “Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye.” 40Ba bantu baramushinyagurira.
Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari. 41Amufata ukuboko aramubwira ati: “Talita Kumi!” (bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”) 42Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda (yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri). Babonye ibibaye, bose baratangara cane. 43Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.

Currently Selected:

Mariko 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in