YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 10

10
Urutonde rw’amahanga
1Uru ni rwo rukurikirane rw’imiryango ya Shemu, Hamu na Yafeti, abahungu batatu ba Nowa, na bo bakaba bavyaye abahungu inyuma y’umwuzure.
Uruvyaro rwa Yafeti
2Bene Yafeti ni: Gomeri,
Magogi, Madayi, Yavani, Tubali, Mesheki na Tirasi.
3Bene Gomeri ni:
Ashikenazi, Rifati na Togaruma.
4Bene Yavani ni:
Elisa, Tarushishi, Kitimu na Dodanimu. 5Ababakomotseko babaye ku biyaga ni na bo bakwiragiye mu bihugu bitandukanye, umwumwe wese bijanye n’ururimi rwiwe, ubwoko bwiwe n’igihugu ciwe.
Uruvyaro rwa Hamu
6Bene Hamu ni:
Kushi, Egiputa, Puti na Kanani.
7Bene Kushi ni:
Seba, Havila, Sabuta, Rama na Sabuteka.
Abahungu ba Rama ni:
Sheba na Dedani.
8Kushi yavyaye Nimurodi, uwo ni we yatanguye kuba umuhizi mu ntambara kw’isi. 9Kubera ko yari umuhigi w’umunyenkomezi wa mbere kw’isi, izina ryiwe ryabaye rurangiranwa. Ni co gituma abantu bavuga bati: “Uwu muntu ameze nka Nimurodi, wa muhigi w’umunyenkomezi mu maso y’Uhoraho.” 10Ibisagara vya mbere vy’ubwami bwiwe vyari Babiloni, Ereki, Akadi na Kalune mu gihugu ca Shinari. 11Avuye aho, yahavuye yagura ubwami bwiwe ashika muri Ashuri, yubaka Ninewe, Rehoboti Iru, Kala, 12na Reseni, igisagara kinini kiri hagati ya Ninewe na Kala.
13Abakomotse kuri Egiputa ni
Abaludi, Abanami, Abalehabi, Abanafutuhi, 14Abapatirusi n’Abakasiluni (ari bo bakomotsweko n’Abafilisitiya), hamwe n’Abakafutori.
15Kanani yavyaye
Sidoni, ari we mfura yiwe, hamwe na Heti. 16Kandi yakomotsweko n’Abayebusi, Abamori, Abagirugashi, 17Abahiwi, Abaruki, Abasini 18Abaruvadi, Abazemari n’Abahamati.
Mu nyuma imiryango y’Abanyakanani yahavuye isanzara. 19Imbibe z’igihugu c’i Kanani zava i Sidoni mu buraruko bwa Gerari n’i Gaza mu bumanuko, na Sodomu, Gomora, Adima na Zeboyimu mu buseruko, gushika i Lasha.
20Aba ni bo bahungu ba Hamu, uko imiryango yabo, indimi zabo, intara zabo n’ibihugu vyabo biri.
Uruvyaro rwa Shemu
21Shemu, mukuru wa Yafeti, na we yavyaye abahungu; ni we sekuruza w’abakomoka kuri Eberi.
22Bene Shemu ni:
Elamu, Ashuri, Arupakisade, Ludi na Aramu.
23Abahungu ba Aramu ni:
Uzi, Huli, Geteri na Mesheki.
24Arupakisade yavyaye Shela;
Shela na we avyara Eberi.
25Eberi yavyaye abahungu babiri:
umwe yitwa Pelegi, kuko igihe yavuka abantu bari kw’isi bari bigabuyemwo ibice; uwundi bavukana yitwa Yokitani.
26Yokitani yavyaye
Alumodadi, Shelefu, Hazarumaveti, Yera, 27Hadoramu, Uzali, Dikula, 28Obali, Abimayeli, Sheba, 29Ofiru, Havila, na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.
30Igihugu babamwo cahera i Mesha gushika i Sefaru mu misozi yo mu buseruko.
31Aba ni bo bakomotse kuri Shemu, nk’uko imiryango yabo, indimi zabo, intara zabo n’ibihugu vyabo biri.
32Iyo ni yo miryango yakomotse ku bahungu ba Nowa nk’uko imiryango yabo mu bihugu vyabo iri. Amahanga yose yo mw’isi yakomotse kuri iyi miryango inyuma y’umwuzure.

Currently Selected:

Itanguriro 10: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in