Itanguriro Intangamarara
Intangamarara
Igitabu c’Itanguriro ni co gitangurira umugwi w’ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya bigize ico bita Pantateke canke ibitabu bitanu vyanditswe na Mose (2 Korinto 3:15). Nk’uko izina ryaco rivyerekana, igitabu c’Itanguriro kivuga ivyerekeye intango y’ibiriho: intango y’ijuru n’isi, intango y’umugabo n’umugore, intango y’ikibi mu bantu, intango y’amoko yose yuzuye isi n’intango y’ihanga ryitwa Isirayeli. Iki gitabu ca mbere c’Ivyanditswe Vyera kiduha ibintu bitatu nyamukuru bidufasha gutahura isi tubamwo n’igikorwa c’Imana muri kahise: (1) Imana ni yo yaremye vyose, (2) umuntu yaragararije Umuremyi wiwe hanyuma (3) Uhoraho aca akora igikorwa co kumukiza.
Iki gitabu canditswe bafatiye ku makuru abantu bagiye bahanahana uko urunganwe rwagenda rurakuranwa n’urundi; akaba yari amakuru yerekeye ingene abantu bagiye bavyarana. Ayo ni yo yegeranijwe hanyuma aratosorwa, maze avamwo iki gitabu. Izo nkuru zavuzwe na ba sekuruza ni zo ahanini iki gitabu gihagazeko, zikaba ziri mu bice bibiri bikurubikuru.
Igice ca mbere ari na co kinini (1–11) gitangurwa n’ijambo ryemeza ko: Imana ari yo yaremye isi n’ibiyirimwo vyose, kandi ko ivyo yaremye vyose ari vyiza. Hanyuma haravugwa n’ingene icaha caje mw’isi (3), uruhara abantu babigizemwo hamwe n’ingaruka zakurikiye. Abantu baciye babandanya kugarariza Uhoraho, na vyo bikaba bibonekera mu caha ca Kayini co kwica Abeli, ukuba inkozi y’ibibi kwa Lameki (4), ukwononekara kw’ingeso z’abantu bo mu gihe ca Nowa (6:1-8) n’ubwibone bw’antu b’i Babeli bwatumye bubaka umunara ugaragaza ubwo bwibone (11:1-9). Ukwo kugarariza kw’abantu kwatumye haza igihano c’Imana: ari co mwuzure (6–9), kandi uwo mwuzure na wo nyene ukaba wari ikimenyetso c’ikindi gihano c’Imana cari kigiye kuza, kigizwe no kuzazanirwa no kutumvikana kubera indimi nyinshi, hamwe rero no gushwiragira kw’abantu kw’isi yose (11).
Naho Adamu na Eva bari bacumuye, umuvumo Imana yavumye umunyavyaha waherekejwe n’isezerano ryo gucungurwa muri kazoza (3:15). Isezerano Imana yagiranye na Nowa n’abamukomokako (9) ritwibutsa ko Umuremyi atahevye ibiremwa vyiwe.
Mu ntango y’igice nyamukuru kigira kabiri c’iki gitabu (12–50), tubona rya sezerano ritanguye kuja mu ngiro mu buzima bwa Aburahamu, yabayeho hagati y’imyaka 2.100 na 1.800 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo. Imana yasezeraniye uwo sogokuruza ko izomuha igihugu kandi ko “…imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye kuri we” (12:3). Aburahamu yakiranye iryo sezerano ukwizera (15:6), aba yerekanye ingene umuntu akwiye kwegera Imana. Iri sezerano ry’Uhoraho (17) ryerekeye n’uruvyaro rwa Aburahamu: Isaka, umwana w’isezerano (21), Yakobo (25:19–36:43) yahavuye yitwa Isirayeli (32:29) na Yosefu n’abavukanyi biwe, babaye muri Egiputa bahunze inzara (37–50). Ariko urwo ruvyaro rwasezeranywe rwagiye kubonekera neza muri Yesu Kristo (Galatiya 3:16), we yanesheje ya Nzoka biciye mu rupfu rwiwe n’ukuzuka kwiwe, nk’uko vyagaragarira mw’isezerano ryo mu gitabu c’Itanguriro 3:15.
Currently Selected:
Itanguriro Intangamarara: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.