1
Luka 6:38
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo.”
Compara
Explorar Luka 6:38
2
Luka 6:45
Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Explorar Luka 6:45
3
Luka 6:35
Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.
Explorar Luka 6:35
4
Luka 6:36
Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyempuhwe.
Explorar Luka 6:36
5
Luka 6:37
Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.
Explorar Luka 6:37
6
Luka 6:27-28
Ariko ndababwire mwebwe munyumva: mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka. Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi.
Explorar Luka 6:27-28
7
Luka 6:31
Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
Explorar Luka 6:31
8
Luka 6:29-30
Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara ikoti, umuhebere n’ishati na yo. Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
Explorar Luka 6:29-30
9
Luka 6:43
Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza.
Explorar Luka 6:43
10
Luka 6:44
Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, nk’uko ata wokwamura insukoni ku mitobotobo.
Explorar Luka 6:44