1
Luka 9:23
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yongera kubabwirira bose hamwe ati: “Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire.
Compara
Explorar Luka 9:23
2
Luka 9:24
Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azobukiza.
Explorar Luka 9:24
3
Luka 9:62
Yesu aramwishura ati: “Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana.”
Explorar Luka 9:62
4
Luka 9:25
Umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko akabura ubugingo bwiwe canke akabutikiza?
Explorar Luka 9:25
5
Luka 9:26
Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.
Explorar Luka 9:26
6
Luka 9:58
Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”
Explorar Luka 9:58
7
Luka 9:48
Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”
Explorar Luka 9:48