Yohana 8
8
Umugore yafashwe asambana
1 #
Luk 21:37. Yesu aja ku musozi wa Elayono. 2Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha. 3Abanyabgenge b’ivyanditswe bo n’Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati, 4baramubgira, bati Mwigisha, uyu mugore bamuturumbukiyeko arikw arasambana. 5#Lew 20:10; Gus 22:22-24.Kandi Mose mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye ben’ abo. None weho uvuga iki? 6#Mat 22:15.Arikw ivyo bābivuga ar’ ukumugeza, ngo bamukūrek’ urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi. 7#Gus 17:7.Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababgira, at’ Ūtagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye. 8Asubira kwunama yandika hasi. 9#Mat 22:22; Rom 2:22.Na bo bavyumvise basohoka isorōsoro, uhereye k’ūkuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yar’ ahagaze hagati. 10Yesu yunamutse aramubaza, ati Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza? 11#Yoh 5:14.Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]
Umuco w’ubugingo
12 #
Yes 49:6; Yoh 1:5, 9; 12:46. Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo. 13Abafarisayo baramubgira, bat’ Ereg’ urishingira intahe, intahe yawe s’iy’ ukuri. 14#Yoh 5:31.Yesu arabishura, ati Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’ iyo nja. 15#Yoh 7:24; 12:47.Mwebge muca urubanza nk’abantu, jeho nta n’umwe ncira urubanza. 16#Yoh 8:29.Kandi naho jewe noca urubanza, urubanza rwanje rwoba urw’ ukuri, kuko ntari jenyene, ndi kumwe na Data yantumye. 17#Gus 17:6; 19:15.Kandi no mu vyagezwe vyanyu handitswe kw intahe ishinzwe n’abantu babiri ar’ iy’ ukuri. 18#1 Yoh 5:9.Jewe nd’ uwishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe na we. 19#Yoh 14:7.Na bo baramubaza, bati So ari hehe? Yesu arabishura, ati Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi. 20#Yoh 7:30; 13:1; Luk 22:53.Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.
Gupfira mu vyaha
21 #
Yoh 7:34; 13:33. Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo. 22#Yoh 7:35.Abayuda barabazanya, bati Mbeg’ azokwiyahura, kw agize ngw iy’ aja ntituzoshobora gushikayo? 23#Yoh 3:31.Na we arababgira, ati Mwebge mwamutse hasi, jeho namutse iyo hejuru; mwebge mur’ab’ iyi si, jeho sind’ uw’ iyi si. 24Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu. 25#Yoh 8:14.Nuko baramubaza, bat’ Uri nde, wewe? Yesu arabishura, ati Nd’ ico nababgiye uhereye ubga mbere. 26#Yoh 8:38; 12:49.Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi. 27Ariko bo ntibāmenya yukw ababgiye Se. 28#Yoh 3:14; 12:32.Nuko Yesu arababgira, at’ Aho muzomanikira Umwana w’umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi kw ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga. 29#Yoh 8:16; Mat 27:46.Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara. 30#Yoh 7:31; 10:42; 12:11.Avuze ivyo, benshi baramwizera.
Abana nyakuri
31Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; 32kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya. 33#Mat 3:9; Neh 9:36.Baramwishura, bati Tur’ uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’ uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?
34 #
Rom 6:16, 20; 1 Yoh 3:8. Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha. 35#Gal 4:30.Umuja ntiyama atsindaje mu nzu, arik’ umwana we yama atsindaje. 36#Rom 6:18, 22.Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri. 37Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge. 38Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.
39 #
Mat 3:9. Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu. 40Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivy’ ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize artyo. 41#Ita 3:15; Gus 23:2.Mukora ibikorwa nk’ivya so. Baramubgira, bati Twebge ntitur’ ibivyarwa: dufise Data umwe, n’Imana. 42#1 Yoh 5:1.Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye. 43#Yoh 12:39; Mat 12:34; Rom 8:7.N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje. 44#1 Yoh 3:8-10; Ita 3:4; 2 Pet 2:4.Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo. 45#Luk 22:67.Ariko jeho, kuko mvuga ivy’ ukuri, ntimunyemera. 46#2 Kor 5:21; 1 Pet 2:22.Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera? 47#Yoh 18:37; 1 Yoh 4:6.Uw’ Imana yumva amajambo y’Imana; mwebge igituma mutumva, n’uko mutar’ ab’ Imana.
48 #
Yoh 7:20; Mrk 3:21. Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni? 49Yesu arabishura, ati Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha. 50#Yoh 5:41.Jewe sinironderera icubahiro, harih’ ūkindonderera, kandi ni we Kamaramagambo. 51#Yoh 5:24; 6:40, 47; 11:25.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira. 52#Mrk 9:1.Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu. 53#Yoh 4:12.Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n’abāvugishwa n’Imana na bo bakaba bārapfuye: wiyita nde? 54Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu, 55#Yoh 7:28.yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe. 56Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa. 57Nuko rer’ Abayuda baramubgira, bat’ Ube utaramara imyaka mirongwitanu, ngo warabonye Aburahamu? 58Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho. 59#Yoh 10:31.Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.
S'ha seleccionat:
Yohana 8: RUN1967
Subratllat
Comparteix
Copia
Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967