Itanguriro 44

44
Igikombe c’ifeza mu mufuko
1Hageze ko basubira inyuma, Yosefu ategeka wa mukozi ajejwe ivyo mu rugo rwiwe ati: “Uzuza imifuko y’abo bagabo ivyokurya bashobora gutwara, hanyuma ushire amahera umuntu wese yashaka kuriha hejuru mu mufuko wiwe. 2Mu mufuko w’umuhererezi, ushiremwo amahera yashaka kuriha, n’igikombe canje c’ifeza.” Nuko abikora uko Yosefu yamutegetse.
3Bukeye mu gitondo, barabarungika n’indogoba zabo. 4Bagiye urugendo ruto bava mu gisagara, Yosefu abwira wa mukozi ajejwe urugo rwiwe ati: “Ihute ubakurikire. Niwabashikira ubabaze uti: ‘Ni kuki mwansubije ikibi ku ciza nabakoreye? 5Ni kuki mwivye igikombe c’ifeza ca databuja kandi ari co anywesha, akanagikoresha mu kumenya ivya kazoza? Ivyo mwakoze ni bibi cane!’ ”
6Wa mukozi ajejwe urugo rwa Yosefu abashikiriye, ababwira nk’uko yatumwe. 7Baramwishura bati: “Nyakwubahwa, ni kuki utubwiye amajambo nk’aya? Ntidushobora gukora ikintu nk’ico twebwe abasavyi bawe. 8Urazi ko twagarukanye amahera twasanze mu mifuko yacu tuyakuye mu gihugu c’i Kanani! None vyogenda gute ngo twibe ifeza canke inzahabu mu nzu kwa shobuja? 9Niwasangana ico gikombe umwe muri twebwe, ace yicwa. Natwe abasigaye tube abagurano ba databuja.”
10Arabishura ati: “Ndavyemeye, reka tubikore nk’uko mubivuze. Ariko uwivye ico gikombe ni we aja kuba umugurano wanje, abasigaye nta co muzoba mwagira.”
11Bose bakura imifuko yabo ku ndogoba bayishira hasi, umwumwe yugurura umufuko wiwe. 12Wa mukozi ajejwe urugo rwa Yosefu arondera mu mifuko yose ya ba bavukanyi, ahereye ku mukuru gushika ku muto; maze asanga ca gikombe mu mufuko wa Benyamini. 13Babibonye bitaburirako impuzu kubera ukwihebura, basubiza imifuko ku ndogoba, maze basubira mu gisagara.
14Yuda na bene se bashitse i muhira kwa Yosefu, basanga akiri i muhira. Bose barunama bashika hasi imbere yiwe. 15Yosefu arababaza ati: “Ni igiki cabateye gukora ivyo? Ntimwari muzi ko umuntu nkanje nshobora kubona ibizoba muri kazoza?”
16Yuda aramwishura ati: “Databuja, nta co dushobora kwishura. Nta co twovuga ngo twerekane ko ata co twiyagiriza. Ni Imana yerekanye icaha cacu. Nyakwubahwa, tugarutse kuba abagurano bawe, twebwe n’uwasanganywe igikombe mu mufuko.”
17Yosefu aravuga ati: “Ntibikabeho ko nokora uko! Uwivye igikombe ni we wenyene azoba umugurano wanje. Abasigaye murashobora gusubira kwa so mu mahoro.”
18Yuda yegera Yosefu, aramubwira ati: “Nyakwubahwa, ndakwinginze undeke jewe umusavyi wawe mvuge ijambo rimwe. Ntunshavurire ndakwinginze, ndazi ko unganya ubushobozi na Farawo ubwiwe! 19Nyakwubahwa, waratubajije ko dufise data n’uwundi muvukanyi. 20Natwe turakwishura ko dufise data ageze mu zabukuru kandi ko umuhererezi wiwe yamuvyaye mu butama. Mu bana ba nyina ni we wenyene asigaye, kandi se aramukunda cane, kuko mukuruwe yarapfuye.
21Nyakwubahwa, watubwiye ngo tugende tumuzane kugira ngo umwibonere. 22Twakwishuye tuvuga ko uwo muhungu adashobora kuva i ruhande ya se; kuko bishitse, se yoca apfa. 23Ariko waratwihanikirije utubwira ko tutazanye umuhererezi wacu tudakwiye kugaruka imbere yawe. 24Dusubiye kwa data, umusavyi wawe, twaramubwiye ivyo wadusavye, nyakwubahwa.
25Mu nyuma ni ho yadutuma ngo tugaruke gusuma ivyokurya. 26Twamwishuye tuti: ‘Ntidushobora gusubirayo tutajanye na murumuna wacu. Ntidushobora guturukira mu maso ha wa mugabo tutari kumwe na murumuna wacu.’
27Maze data umusavyi wawe aratubwira ati: ‘Murazi ko umugore wanje Rasheli yamvyariye abahungu babiri gusa. 28Umwe muri bo yaragiye ntiyagaruka. Ategerezwa kuba yatabaguwe n’igikoko co mw’ishamba. Sinigeze nsubira kumubona. 29Nimwajana uwu na we kure yanje hakagira ikimushikira, umubabaro muzontera uzonyica, mpfane agahinda mu butama bwanje!’
30Rero nyakwubahwa, sinshobora gusubira kwa data umusavyi wawe, uwu mwana atari kumwe natwe. Ubuzima bwa data bufatanye cane n’ubw’uwu mwana. 31Data niyabona uwu mwana atari kumwe natwe, azoca apfa. Ni twebwe abasavyi bawe tuzoba dutumye data umusavyi wawe apfana umubabaro mu butama bwiwe. 32Nyakwubahwa, ni jewe niyemeje imbere ya data ko nishinze uwu mwana. Namubwiye ko nintamumugarukanira, nzokwikorera ico caha imbere yiwe ibihe vyose.
33Ndakwinginze databuja, abe ari jewe nguma hano nk’umugurano mu kibanza c’uwu mwana, ariko uwo mwana asubirane i muhira na bene se bandi. 34Kuko sinokwubahuka gusubira kwa data ntari kumwe n’uwu mwana. Sinokwihanganira kubona agahinda vyotera data.”

S'ha seleccionat:

Itanguriro 44: BKC

Subratllat

Comparteix

Compara

Copia

None

Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió