Itanguriro 46
46
Yakobo aja muri Egiputa
1Nuko Isirayeli afata urugendo aja muri Egiputa hamwe n’ivyo yari atunze vyose. Ashitse i Berisheba ashikanira ibimazi Imana ya se Isaka.
2Mw’ijoro, Imana ivugana na we mu nzozi iti: “Yakobo! Yakobo!”
Aritaba ati: “Sabwe!”
3Imana iramubwira iti: “Ndi Imana, Imana ya so. Ntutinye kuja muri Egiputa, kuko muri kirya gihugu nzohagwiriza umuryango wawe ube ihanga rinini. 4Nzojana nawe muri Egiputa, kandi nzokugarukana. Wewe uzopfira muri Egiputa, ariko Yosefu ubwiwe ni we azokwugara amaso yawe.”
5Nuko Yakobo ava i Berisheba, abahungu biwe bamujana muri Egiputa, hamwe n’abana babo n’abagore babo, mu mikogote Farawo yarungitse ngo imujane. 6Bajana n’amasho n’imikuku yabo n’ivyo bari batungiye mu gihugu c’i Kanani. Uko ni ko Yakobo n’umuryango wiwe wose bagiye muri Egiputa. 7Yajanye n’abahungu n’abakobwa biwe, n’abuzukuru, muri make yajanye n’uruvyaro rwiwe rwose muri Egiputa.
8Aya ni yo mazina y’abakomoka kuri Isirayeli (Yakobo n’abahungu biwe) bagiye muri Egiputa:
Reyubeni imfura ya Yakobo.
9Abahungu ba Reyubeni ni:
Hanoki, Palu, Hezironi na Karumi.
10Abahungu ba Simeyoni ni:
Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli, abo yavyaye ku mugore w’Umunyakananikazi.
11Bene Lewi ni:
Gerishoni, Kohati na Merari.
12Abahungu ba Yuda ni:
Eri, Onani, Shela, Perezi na Zera (ariko Eri na Onani bari bapfiriye mu gihugu c’i Kanani).
Abahungu ba Perezi ni:
Hezironi na Hamuli.
13Abahungu ba Isakari ni:
Tola, Puwa, Yashubi na Shimuroni.
14Abahungu ba Zebuloni ni:
Seredi, Eloni na Yahileli.
15Aba ni bo bahungu Leya yavyaranye na Yakobo i Padani-Aramu, uretse umukobwa wiwe Dina. Abo bahungu n’abakobwa biwe bose hamwe bari murongo itatu na batatu.
16Abahungu ba Gadi ni:
Zefoni, Hagi, Shuni, Eziboni, Eri, Arodi na Areli.
17Abahungu ba Asheri ni:
Imuna, Ishuva, Ishuvi na Beriya. Mushiki wabo yitwa Sera.
Abahungu ba Beriya ni:
Heberi na Malukiyeli.
18Aba ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Zilupa, uwo Labani yari yahaye umukobwa wiwe Leya nk’incoreke, bose bari icumi na batandatu.
19Abahungu Yakobo yavyaye kuri Rasheli ni:
Yosefu na Benyamini.
20Muri Egiputa, Yosefu yavyaye Manase na Efurayimu kuri Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezi w’i Oni.
21Abahungu ba Benyamini ni:
Bela, Bekeri, Ashibeli, Gera. Namani, Ehi. Roshi, Mupimu, Hupimu na Aridi.
22Abo ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Rasheli, bose bari icumi na bane.
23Umuhungu wa Dani ni:
Hushimu.
24Abahungu ba Nafutali ni:
Yahaziyeli, Guni, Yezeri na Shilemu.
25Abo ni bo bahungu Yakobo yavyaye kuri Biluha, uwo Labani yari yahaye umukobwa wiwe Rasheli nk’incoreke; bose bari indwi.
26Abajanye na Yakobo muri Egiputa bose; abakomoka kuri we, ukuyemwo abagore b’abahungu biwe, bashika mirongo itandatu na batandatu. 27Ushizemwo abahungu babiri Yosefu yavyariye muri Egiputa, umuryango wa Yakobo mu gihugu ca Egiputa wari ugizwe n’abantu mirongo indwi.
28Bagiye gushika, Yakobo arungika Yuda imbere kugira ngo ahure na Yosefu, maze amwereke inzira ija i Gosheni. Bahashitse, 29Yosefu ategura imikogote yiwe, aja i Gosheni guhura na se, Isirayeli. Abonye se, aramvura amaboko aramugumbira maze amara umwanya muremure arira.
30Isirayeli abwira Yosefu ati: “Ubu rero harageze ko mpfa, kuko nsubiye kubona mu maso hawe kandi mbonye ko ukiriho.”
31Nuko Yosefu abwira abavukanyi biwe n’umuryango wose wa se ati: “Ngira nje kwa Farawo ndamubwire nti: ‘Abo tuvukana n’umuryango wose wa data baje kundaba bavuye mu gihugu c’i Kanani. 32Abo bagabo ni abungere kandi ni aborozi. Baje bazananye n’amasho n’imikuku yabo n’ivyo batunze vyose.’ 33Farawo niyabatumako akababaza umwuga wanyu, 34muze mumwishure muti: ‘Twebwe abasavyi bawe twamye turi aborozi b’ibitungwa kuva mu bwana bwacu, nk’uko na ba sogokuruza bacu bakora.’ Nimwamwishura uko, azoca abemerera kuba mu karere ka Gosheni, kuko Abanyegiputa basanzwe bakumira abungere bose.”
S'ha seleccionat:
Itanguriro 46: BKC
Subratllat
Comparteix
Compara
Copia
Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.