Luka 19
19
Zakayo umutozakori yihana
1Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana. 2Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane. 3Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba yari mugufi. 4Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.
5Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.” 6Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.
7Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”
8Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”
9Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu. 10Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
Umugani w’ababikijwe mina cumi
11Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene. 12Ababwira ati: “Umuntu ava mu muryango utunze, yagiye mu gihugu ca kure kwimikwa nk’umwami, hanyuma ngo aheze agaruke. 13Imbere yo kugenda akoranya cumi bo mu bakozi biwe, abaha mina#19:13 Mina imwe yangana n’ingero y’umukozi mu mezi atatu. cumi, ababwira ati: ‘Nimwakire aya mahera, mugende muyadandarishe gushika aho nzogarukira.’
14 Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’
15 Ariko arimikwa nk’umwami, hanyuma aragaruka. Aca atumako ba bakozi yaha amahera, kugira arabe ingene bungutse.
16 Uwa mbere araza, avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi cumi.’
17 Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’
18 Uwa kabiri araza avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi zitanu.’
19 Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kurongora ibisagara bitanu.’
20 Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure. 21Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’
22 Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye, 23ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha kugira ngo ngarutse ndonke amahera yanje n’inyugu yayo?’
24 Nuko abwira abari bahagaze aho ati: ‘Nimumwake mina yiwe muyihe uwufise cumi.’
25 Baca bavuga bati ‘Databuja, erega asanzwe afise cumi!’
26 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa na bike afise. 27Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”
Yesu yinjira i Yerusalemu nk’umwami
28Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu. 29Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati: 30“Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwahashika murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura, muyizane hano. 31Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ ”
32Nuko abatumwe baragenda, basanga ibintu bimeze nk’uko yari yabibabwiye. 33Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: “Ni kuki muzitura iyo ndogoba?”
34Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”
35Baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako. 36Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.
37Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:
38“Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!”#19:38 Zaburi 118:26
“Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”
39Bamwe mu Bafarisayo bari muri iryo sinzi babwira Yesu bati: “Mwigisha, hoza abo bigishwa bawe!”
40Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”
41Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra, 42avuga ati: “Ese na we iyo umenya icotuma uronka amahoro uwu musi! Ariko noneho ivyo bihishijwe amaso yawe. 43Kuko igihe kizogushikako, aho abansi bawe bazokwubaka ibirindiro impande zawe zose, bagukikuze, bagusugereze impande zose. 44Bazogusambura, bagutikizanye n’ababa muri wewe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yakugendereye.”
Yesu ahumanura urusengero
45Yinjiye mu rusengero, aca atangura kwirukana abariko bararudandarizamwo. 46Ababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’#19:46 Yesaya 56:7 ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’#19:46 Yeremiya 7:11”
47Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda baho bose bagumye barondera ukuntu bomwica. 48Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.
S'ha seleccionat:
Luka 19: BKC
Subratllat
Comparteix
Copia
Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.