Luka Intangamarara

Intangamarara
Ubu Butumwa ni igice ca mbere c’igitabu kigizwe n’ibice bibiri: Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Luka hamwe n’Ivyakozwe n’Intumwa. Luka yanditse ubu Butumwa, inyuma yo kugira amatohoza ku bantu bavyiboneye n’amaso yabo, kugira ngo uwo yandikiye amenye adakekeranya ko inyigisho yakiriye ari iz’ukuri (1:1-4). Ivyo bice uko ari bibiri vyandikiwe uwitwa Teyofilo gushika ubu atazwi neza.
Ariko, ku vyerekeye Luka, hariho ibindi bitabu vyo muri Bibiliya bivuga Luka uwo ari we: yari umuganga w’Umugiriki, yakoranye na Pawulo akanamuherekeza mu ngendo nyinshi, mbere no gushika i Roma (Kolosayi 4:14; Filemoni24; 2 Timoteyo 4:11). Bishoboka ko ari naho yandikiye ubwo Butumwa hagati y’imyaka ya 62 na 65 inyuma y’ivuka rya Yesu Kristo. Luka ntiyari Umuyuda kandi no mu kwandika, ntiyariko yandikira Abayuda, ahubwo yandikiye abatari Abayuda.
Co kimwe na Matayo, Luka araha agaciro kanini uburyo Yesu yavutsemwo akerekana ko yavutse mu buryo bw’igitangaza (1–2). Umumarayika yabwiye abungere ati: Uwu musi, umukiza yabavukiye mu Gisagara ca Dawidi, vyerekana icatumye Yesu aza mw’isi. Ageze i Nzareti, ni ho yerekaniyeko aje gushitsa ivyo Yesaya yari yaravugishijwe kera, avuga ko hariho Umukiza azoza (4:16-21).
Mu gukiza abantu benshi imibiri n’imitima, Yesu yerekanye igikorwa camuzanye ico ari co: Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye (19:10). Ariko rero imbere yo gukira, biba bikenewe ubwa mbere ko abantu bamenya ko bagwaye! Ni co gituma Yesu yagabisha kenshi abatunzi bo mu vy’ino si ati: Mbega umuntu vyomumarira iki kuronka ubutunzi bw’isi bwose ariko akabura ubugingo budashira canke akabwonona? (9:25). Kandi kenshi yararemesha abiyumva ko bakenye mu vy’Imana ati: Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu (6:20).
Ariko rero agakiza kaboneka biciye ku musaraba! Ni co gituma uko Yesu yigisha avuga ivy’agakiza ni nako yitegurira no kugashitsa mu kubambwa ku musaraba: yaduze i Yerusalemu azi ko azopfirayo. Kuva mu gice ca 9 c’ubu Butumwa Bwiza bwa Luka, turabona ingene abantu bashishikaye cane kumugwanya, bikaguma bikomera kugeza ku rupfu (22–23).
Igice ca 24 kivuga ikintu ca nyuma kandi nyamukuru cabaye mu vyo abavyiboneye babwiye Luka: izuka. Yesu amaze kuzuka yiyeretse intumwa, abagore n’abigishwa bari bakirizwa n’urupfu rwiwe, aca abasigurira ivyo Ivyanditswe vyavuga kuri we. Nuko aca abarungika kubwira abantu bose ko ari Umukiza.

S'ha seleccionat:

Luka Intangamarara: BKC

Subratllat

Copia

Compara

Comparteix

None

Vols que els teus subratllats es desin a tots els teus dispositius? Registra't o inicia sessió