Logo de YouVersion
Ícono Búsqueda

Yohana 7

7
Yesu adūga i Yerusalemu mu misi mikuru
1 # Mrk 9:30; Luk 9:51. Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica. 2#Lew 23:34.Imisi mikuru y’Abayuda yitwa iy’ Insago yarikw irashika. 3#Yoh 2:12; Mat 12:46; Ivyak 1:14.Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora; 4kukw ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngw arondere kumenyekana. K’ukora ivyo, ni wiserure mu b’isi. 5#Mat 13:55.Kuko na bene nyina na bo batāmwizera. 6#Yoh 2:4.Maze Yesu arabishura, at’ Igihe canje ntikiragera, arikw igihe canyu co, cama kiriho. 7#Yoh 15:18.Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi. 8Mwebge ni mudūge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera. 9Ababgiye ivyo, aguma i Galilaya.
10Bene nyina bamaze kudūga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we aradūga, ntiyibonekeza, arikw agenda nk’uwomba. 11Maz’ Abayuda bamurondera mur’ iyo misi mikuru, bati Mbega wa wundi ari hehe? 12Haba ivyongoshwe vyinshi mw ishengero bamuvuga: bamwe bati N’umuntu mwiza, abandi bat’ Oya, arazimiza abantu. 13#Yoh 9:22; 12:42; 19:38.Ariko nta n’umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.
Inyigisho za Yesu aho ziva
14Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu adūga mu rusengero, arigisha. 15#Mat 13:54; Luk 2:47.Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe? 16#Yoh 12:49.Maze Yesu arabishura, at’ Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’ uwantumye. 17Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye. 18#Yoh 5:41, 44.Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we. 19#Yoh 5:16, 18, 47; Ivyak 7:53; Rom 2:17-29.Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica? 20#Mrk 3:21; Yoh 8:48, 52; 10:20.Ishengero riramwishura, rit’ Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica? 21#Yoh 5:16.Yesu arabishura, ati Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara. 22#Ita 17:10-12; Lew 12:3.Mose yabahaye ugukebga — mugabo ntikwavuye kuri Mose, ni kuri ba sogokuruza banyu — kandi murakeba umuntu kw isabato. 23#Yoh 5:8.None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye? 24#Yoh 8:15.Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.
Abafarisayo bahigira Yesu
25 # Yoh 7:19. Bamwe mu b’i Yerusalemu baravuga, bati Mbeg’ uwo si we bashaka kwica? 26Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubgira. Mbega harya abakuru bemeye vy’ ukuri k’uyo ari we Kristo? 27#Yoh 7:41.Uyo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo ah’azozira, nta wuzi ah’ azoturuka. 28Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi; 29#Mat 11:27.jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ ari we yantumye. 30#Yoh 8:20; 13:1; Luk 22:53.Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere. 31#Yoh 8:30; 10:42; 11:45; 12:42.Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?
32Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata. 33#Yoh 13:33.Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye. 34#Yoh 8:21; 13:36; 17:24.Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo. 35Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki? 36Mbeg’ iryo jambo atubgiye n’iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngw Iyo nzoba ndi mwebge ntimuzoshobora gushikayo?
Inzūzi z’ubugingo
37 # Yoh 4:10, 14; Lew 23:36. Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe. 38#Yes 44:3; 55:1; 58:11; Ezk 47:1, 12; Zek 13:1; 14:8; Yow 2:28; 3:18.Ūnyizera, inzūzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga. 39#Yoh 16:7; 2 Kor 3:17.Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.
40 # Yoh 6:14; Gus 18:15. Bamwe mw ishengero bumvise ayo majambo, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana. 41#Yoh 1:46.Abandi bat’ Uyu ni we Kristo. Abandi bat’ Oya, mbega Kristo yova i Galilaya? 42#2 Sam 7:12; Mik 5:2; Mat 2:5, 6; 22:42; Zab 89:3.Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako? 43#Yoh 9:16.Ishengero riramupfa, 44#Yoh 7:30.bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihāgira n’umwe amukozako n’intoke.
Nikodemo akīmbūkira Yesu
45 # Yoh 7:32. Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n’Abafarisayo, na bo barababaza, bati Ko mutamuzanye? 46#Mat 7:28, 29.Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we. 47Abafarisayo barababaza, bati Mbega namwe mwajimijwe? 48#Yoh 12:42.Har’ umukuru n’umwe yamwizeye, cank’ Umufarisayo? 49Arikw abo bantu batazi ivyagezwe n’ibivume. 50#Yoh 3:1, 2.Nikodemo, umwe yaza kuri we mbere, yar’ umwe muri bo, arababaza, 51#Gus 1:16, 17; 19:15.ati Mbeg’ ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze? 52#Yoh 1:46; 7:41.Baramwishura, bati Mbega nawe ur’ uw’ i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya.
[53Bose baca baritahira.

Actualmente seleccionado:

Yohana 7: RUN1967

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres guardar tus resaltados en todos tus dispositivos? Regístrate o Inicia sesión