Malaki 3
3
Ibivuga ivyo kuzoza kwa Yohana Umubatizi n’ukw’ Umwami Yesu
1 #
Yes 40:3; Mat 11:10; Mrk 1:2; Luk 1:76; 7:27. Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 2#Yes 4:4; Yow 2:11.Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. 3#Yes 1:25; Zek 13:9.Kand’ azovyagira nk’ uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’ inkamba: kand’ abahungu ba Lewi azobamaramw’ inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi. 4#Ezk 20:40.Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho, nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise. 5#Lew 19:13; Gus 24:17; Yer 29:23.Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 6#Zab 102:27; Int 3:22.Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.
Abagunga Imana ivyayo
7 #
Zek 1:3; Ivyak 7:51. Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki? 8#Neh 13:10.Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa. 9Wa muvumo murawuvumwe: kukw ihanga ryose uko mungana mwangunze. 10#Ita 7:11; Imig 3:9, 10; 2 Kor 9:6-8.Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza. 11Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12#Yes 62:4; Zef 3:19.Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
13 #
Mal 2:17. Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki? 14#Yob 21:15; Zef 1:12.Mwavuze ngo Gukorera Imana nta kimazi; kandi muti Vyatwunguye iki ko twitondeye ivyo yashinze, tukagendera imbere y’Uhoraho Nyen’ ingabo twiraburaniwe? 15#Zab 95:9.Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.
Abubaha Imana uko bazomera
16 #
Kuv 32:32; Gus 6:6, 7. Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe. 17#Kuv 19:5; Ivyak 17:31; 1 Pet 2:9.Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. 18Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.
اکنون انتخاب شده:
Malaki 3: RUN1967
هایلایت
به اشتراک گذاشتن
کپی
می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: