Luka 2

2
Ivuka rya Yesu
1Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma. 2Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya. 3Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.
4Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. 5Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze. 6Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera, 7maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.
8Muri ako karere hari abungere bama barara mu gahinga baraririye imikuku y’ibitungwa vyabo. 9Umumarayika w’Umwami Imana arabiyereka, ubwiza bw’Umwami Imana bubakayanganira impande zose, na bo baterwa n’ubwoba bwinshi cane. 10Wa mumarayika aca ababwira ati: “Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose. 11Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami. 12Iki ni co kizobabera ikimenyetso: muzosanga uruyoya ruzingiriweko impuzu, ruryamitswe mu bwato inka ziriramwo.”
13Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi cane zo mw’ijuru zifatanya n’uwo mumarayika, zihimbaza Imana ziti:
14“Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi,
kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”
15Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: “Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye.”
16Baca bagenda bihuta, basangaho Mariya na Yosefu, n’umwana aryamye mu bwato inka ziriramwo. 17Bamubonye baca babwira bose ivyo babwiwe kuri uwo mwana, 18kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane. 19Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane. 20Ba bungere na bo basubira inyuma bahimbaza Imana bongera bayitazira kubera ivyo bumvise n’ivyo babonye, kuko basanze bimeze nk’uko bari babibwiwe.
Bajana Yesu mu rusengero
21Ku musi ugira umunani, wa mwana amaze gukebwa, bamwita Yesu, nk’uko umumarayika yari yarabwiye Mariya imbere y’uko asama inda yiwe.
22Igihe c’imigenzo yo guhumanurwa kigeze, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabitegekanya, Yosefu na Mariya badugana Yesu i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana. 23(Nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho, “Umuhungu wese w’imfura yategerezwa kwegurirwa Uhoraho”#2:23 Kuvayo 13:2,12). 24Nuko Yosefu na Mariya baca batanga ikimazi nk’uko ivyo vyagezwe nyene vyabitegekanya: “inyoni zitwa intunguru zibiri canke inuma zikiri nto zibiri.”#2:24 Abalewi 12:8
25I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we. 26Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana. 27Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we, 28Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati:
29“Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye,
urasezeye umusavyi wawe amahoro.
30Kuko amaso yanje yiboneye agakiza,
31ako wateguriye amahanga yose.
32Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana,
ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”
33Abavyeyi b’uwo mwana batangazwa cane n’ayo majambo amuvuzeko. 34Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya. 35Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi nawe nyene, inkota izogusogota mu mutima.”
36Kandi hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa, 37akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha. 38Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana.
39Yosefu na Mariya bahejeje gukora ibitegekanijwe n’ivyagezwe vy’Uhoraho, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti. 40Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we.
Yesu mu rusengero
41Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika. 42Yesu amaze imyaka cumi n’ibiri, ajana na bo muri iyo misi mikuru nk’uko vyari bisanzwe. 43Imisi mikuru irangiye, abavyeyi biwe barataha, ariko uwo mwana Yesu asigara i Yerusalemu, yamara abavyeyi biwe ntibabimenya. 44Nuko bamara umusi wose bagenda, bibaza ko umwana yoba ari mu bandi bari bafatanije urugendo. Mu nyuma batangura kumuronderera mu ncuti n’abagenzi. 45Bamubuze, basubira i Yerusalemu kumurondererayo. 46Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo. 47Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe. 48Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.”
49Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?” 50Ariko ntibatahura ico ababwiye.
51Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe. 52Nuko Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu.

Tällä hetkellä valittuna:

Luka 2: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään