Luka Intangamarara

Intangamarara
Ubu butumwa ni igice ca mbere c’igitabu kigizwe n’ibice bibiri: Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Luka hamwe n’Ivyakozwe n’Intumwa. Luka yanditse ubu butumwa, inyuma yo kugira amatohoza ku bantu bavyiboneye n’amaso yabo, kugira ngo uwo yandikiye amenye adakekeranya ko inyigisho yakiriye ari iz’ukuri (1:1-4). Ivyo bitabu uko ari bibiri vyandikiwe uwitwa Teyofilo gushika ubu atazwi neza.
Ibindi bitabu vyo muri Bibiliya biravuga Luka uwo ari we: yari umuganga w’Umugiriki, yakoranye na Pawulo akanamuherekeza gushika i Roma (Kolosayi 4:14; Filemoni 24; 2 Timoteyo 4:11). Bishoboka ko ari ho yanandikiye ubwo butumwa hagati y’imyaka ya 62 na 65 inyuma ya Yesu. Ntiyari Umuyuda kandi yandikira abatari Abayuda.
Nk’uko Matayo yabikoze, Luka arashimikira kw’ivuka ry’igitangaza rya Yesu (1–2). Umumarayika yabwiye abungere ati: Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, vyerekana icutumye Yesu aza mw’isi. Hanyuma Yesu yatanguriye igikorwa ciwe i Nazareti, vyerekana ko aje gushitsa ubuhanuzi bwa Yesaya bwavuga ko umukiza azoza (4:16-21).
Mu gukiza abantu benshi imibiri n’imitima, Yesu yemeje igikorwa yari yaje gukora: Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye (19:10). Ariko rero vyari bikenewe ko abantu bamenya ko barwaye! Ni co gituma Yesu yagabisha kenshi abatunzi bo muri ino si: Vyomarira iki umuntu kuronka ubutunzi bw’isi bwose ariko akabura ubugingo canke akabwonona? (9:25). Kandi kenshi yaratera intege abakene bo muri ino si: Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu (6:20).
Ariko rero agakiza kaboneka biciye ku musaraba! Yesu yavuga ivy’agakiza ariko aranitegura kugashitsa: Yaduze i Yerusalemu aho yategerezwa gupfira. Kuva mu gice ca 9, turabona ko abantu batanguye kumugwanya cane, binarangira bamubamvye (22–23).
Igice ca 24 kivuga ikintu ca nyuma kandi nyamukuru cabaye mu vyo abavyiboneye babwiye Luka: izuka. Yesu amaze kuzuka yiyeretse intumwa, abagore n’abigishwa bari bakirizwa n’urupfu rwiwe, aca abibutsa ivyo Ivyanditswe vyavuga kuri we. Nuko aca abarungika kubwira abantu bose ko ari Umukiza.

Tällä hetkellä valittuna:

Luka Intangamarara: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään