Matayo 18

18
Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru
1Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: “Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?”
2Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. 3Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. 4Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. 5Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.
Kwirinda kuba inyanduruko yo gucumura
6 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga. 7Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana! 8Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi. 9Kandi nimba ijisho ryawe rituma ukora icaha, rinogore urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ijisho rimwe hako utererwa mu muriro wa Gehinomu ufise amaso yompi.
Umugani w’intama izimiye
10 Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [11Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]#18:11 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
12 Mbega ndababaze umuntu atunze intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, yokora iki? Ntiyosiga mirongo icenda n’icenda ku musozi akaja kurondera iyo imwe yazimiye? 13Kandi ayitoye, ndababwira ukuri ko yoyinezerererwa cane naho yari asanganywe izindi mirongo icenda n’icenda zitari zazimiye. 14Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira.
Iyo habaye amatati mw’ishengero
15 Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So. 16Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’#18:16 Gusubiramwo 19:15 17Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.
18 Ndababwire ukuri, ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.
19 Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. 20Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.”
Umugani w’umukozi adaharira
21Hanyuma Petero araza abaza Yesu ati: “Mwami, mbega mugenzanje ancumuyeko, nzomuharira kangahe? Incuro indwi?”
22Yesu aramwishura ati: “Sindababwiye incuro indwi, ariko incuro mirongo irindwi kugwiza indwi.
23 Ni co gituma Ubwami bw’ijuru bumeze nk’umwami yagomvye kumenya ubutunzi yabikije abakozi biwe uko bwifashe. 24Agitanguye, bamuzanira umuntu amuheraniye italanto ibihumbi cumi.#18:24 Ikigiriki italanto ibihumbi cumi; italanto imwe yangana n’impembo y’umukozi mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri. 25Kubera atari ashoboye kumwishura, shebuja ategeka ko umugore wiwe, n’abana bagurishwa hamwe n’ivyo bafise vyose kugira ngo umwenda wiwe wishurwe.
26 Uwo mukozi yikubita imbere ya shebuja aramupfukamira, amubwira ati: ‘Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!’ 27Shebuja amutera ikigongwe, amuhebera uwo mwenda wiwe, aramurekura aragenda.
28 Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. # 18:28 Ikigiriki idenariyo ijana ; idenariyo imwe yari impembo y’umukozi ku musi (raba 20:2). Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’
29 Mugenziwe apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: ‘Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!’
30 Ariko aranka. Ahubwo aramujana bamushira mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose. 31Abakozi bagenziwe babonye ibibaye, barababara baca baja kubwira shebuja ivyabaye vyose.
32 Shebuja avyumvise ahamagara wa mukozi yahebera umwenda munini amubwira ati: ‘Wa mukozi mubi we! Warantakambiye ndaguhebera umwenda wawe wose, 33none ntiwari ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye?’ 34Maze shebuja aca araraka cane, amuta mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose.
35 Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mutima.”

Tällä hetkellä valittuna:

Matayo 18: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään