Matayo 21

21
Yesu ashika i Yerusalemu nk’Umwami
1Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere, 2ababwira ati: “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwahashika, murahasanga indogoba n’inyana yayo ziziritswe. Muce muzizitura muzinzanire. 3Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, kandi aca azisubiza adatevye.”
4Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:
5“Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti:
Raba Umwami wawe arakugendeye,
aciye bugufi, agendera ku ndogoba,
mbere aje ku nyana yayo.”#21:5 Zekariya 9:9
6Abo bigishwa baragenda, babikora nk’uko Yesu yabibabariye. 7Bazana ya ndogoba n’inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, hanyuma Yesu yicara kuri ya nyana. 8Abantu isinzi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira. 9Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati:
“Hozana#21:9 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo “Dukize!” Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana. Mwana wa Dawidi!”#21:9 Zaburi 118:26
“Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!”
“Hozana hejuru mw’ijuru!”
10Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu bakaja barabazanya bati: “Uwo ni nde?”
11Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”
Yesu yinjira mu rusengero
12Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko baragura bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma. 13Arababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’#21:13 Yesaya 56:7 ariko mweho mwayihinduye ubwihisho bw’ibisuma!”#21:13 Yeremiya 7:11
14Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza. 15Ariko, abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Maze barashavura cane.
16Babaza Yesu bati: “Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?”#21:16 Zaburi 8:2
Na we arabishura ati: “Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo:
‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya,
wahironkeye amashimwe’?”
17Maze aca abasiga ngaho, ava mu gisagara aja kurara i Betaniya.
Yesu avuma umusukoni
18Kare mu gitondo, Yesu ariko arasubira i Yerusalemu, yumva arashonje. 19Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: “Ntugasubire kwama na rimwe.” Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.
20Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: “Ko uwo musukoni wumye ningoga?”
21Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda. 22Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”
Babaza Yesu aho ububasha bwiwe buva
23Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
24Yesu arabishura ati: “Ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva, nimwishura ikibazo kimwe ngira ndababaze. 25Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?”
Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 26Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”
27Nuko bishura Yesu bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”
Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.
Umugani w’abahungu babiri bavukana
28 Mbega ibi muvyibazako iki? Habaye umuntu yari afise abahungu babiri, hanyuma abwira umwe ati: ‘Mwana wanje, uno musi genda ukore mu murima w’uruzabibu.’
29 Aramwishura ati: ‘Oya, singenda,’ mugabo mu nyuma arisubirako, aragenda.
30 Hanyuma, se aragenda abwira umuhungu wiwe wa kabiri nk’uko yabwiye uwa mbere. Na we aramwishura ati: ‘Egome, muvyeyi, ndagiye,’ ariko ntiyajayo.
31 Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?”
Baramwishura bati: “Uwa mbere.”
Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana. 32Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.
Umugani w’abakozi babi mu ruzabibu
33 Umviriza uwundi mugani. Habaye umuntu yari afise itongo hanyuma aririmamwo imizabibu. Ararizitirira, yimba ahantu ho kuganira imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure. 34Hageze igihe co kwimbura, arungika abakozi biwe ngo baje gutora igice c’umwimbu kimwegukira.
35 Abo barimyi bafata abo bakozi, uwa mbere baramukubita, uwa kabiri baramwica, uwa gatatu bamutera amabuye arapfa. 36Hanyuma arungika abandi bakozi barusha aba mbere ubwinshi, na bo abo barimyi babagira nk’uko bagize aba mbere. 37Ubwa nyuma, arungika umuhungu wiwe, yibwira ati: Umuhungu wanje we bazomusonera.
38 Ariko ba barimyi babonye uwo muhungu, baca baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 39Nuko baca baramufata, bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu, bamwicirayo.
40 None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza, azokorera iki abo barimyi?”
41Baramwishura bati: “Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze.”
42Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo:
‘Ibuye abubatsi bagaye
ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;
ibi Uhoraho ni we yabikoze,
kandi ni igitangaza mu maso yacu?’ # 21:42 Zaburi 118:22,23
43 Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo. 44Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako, rizomusya.”
45Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga. 46Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.

Tällä hetkellä valittuna:

Matayo 21: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään