Matayo 22

22
Umugani w’abatumiriwe ubukwe
1Yesu yongera kuvugana na bo mu migani, ababwira ati: 2“Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umusi mukuru w’ubukwe umwami yateguriye umuhungu wiwe. 3Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.
4 Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi hamwe n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’
5 Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi, 6abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica. 7Maze umwami araraka cane, aca arungika ingabo ziwe kwica izo nkozi z’ibibi, bongera batongoza umuriro igisagara cazo.
8 Hanyuma abwira abakozi biwe ati: ‘Amazimano y’ubukwe yateguwe, ariko abo natumiye nta n’umwe agomba kuza. 9None rero nimugende mu mabarabara no mu mayirabiri, mutumire umuntu wese muhasanga.’ 10Nuko, abo bakozi baragenda begeranya abantu bose bahuye, ababi n’abeza, hanyuma inzu y’ubukwe yuzura abashitsi.
11 Ariko umwami yinjiye kuraba abatumire, abonamwo umuntu atambaye impuzu y’ubukwe. 12Aramubaza ati: ‘Mugenzi, winjiye gute hano kandi utambaye impuzu y’ubukwe?’ Uwo muntu ntiyashobora kuronka ico yishura.
13 Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’
14 Burya abatumiwe ni benshi, ariko abatoranijwe ni bake.”
Gutanga ikori rya Kayisari
15Hanyuma Abafarisayo barakorana barondera ingene bomutegera ku majambo avuga. 16Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo. 17None rero tubwire ico wiyumvira: Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gutanga ikori rya Kayisari, canke ntibibitwemerera?”
18Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego? 19Nyereka igiceri mukoresha mu kuriha ikori.” Bamuzanira idenariyo, igiceri c’Abaroma, 20aca arababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”
21Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.”
Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
22Bumvise ivyo barajorerwa cane, baca bamusiga ngaho baragenda.
Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka
23Uwo musi nyene, Abasadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho ari, baramubaza bati: 24“Mwigisha, Mose yavuze ko umugabo apfuye adasize abana, uwo bavukana ategerezwa gucura umupfakazi wiwe kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye. 25Rero, harigeze kuba hagati muri twebwe abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye; maze murumunawe arongora uwo mupfakazi. 26Uwa kabiri na we nyene apfa atavyaye, n’uwugira gatatu bigenda gutyo kugeza ku wugira indwi. 27Mu nyuma na wa mugore arapfa. 28None ku musi w’izuka, uwo mugore azoba uwa nde ko bose babaye abagabo biwe?”
29Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana. 30Ku musi w’izuka abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe, bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru. 31Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu Vyanditswe ingene Imana yavuze iti: 32‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo?’#22:32 Kuvayo 3:6 Erega si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima.”
33Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
Ibwirizwa rikuru
34Abafarisayo bumvise ko Yesu yajoreje Abasadukayo, baca barakorana. 35Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati: 36“Mwigisha, ibwirizwa riruta ayandi mu Vyagezwe ni irihe?”
37Yesu aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’ubugingo bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose.’#22:37 Gusubiramwo 6:5 38Iryo ni ryo bwirizwa rya mbere kandi riruta ayandi. 39Irya kabiri na ryo risa n’iryo: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’#22:39 Abalewi 19:18 40Ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa vyose bishingiye kuri ayo mabwirizwa abiri.”
Mbega Kristo ni umwana wa nde?
41Abafarisayo bakoranye, Yesu arababaza ati: 42“Mbega mwibaza iki ku vyerekeye Kristo? Ni umwana wa nde?”
Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”
43Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:
44 ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati:
Icara i buryo bwanje kugeza
abansi bawe bose ndabashize
musi y’ibirenge vyawe.’ # 22:44 Zaburi 110:1
45 None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?” 46Nta n’umwe yashoboye gukura ururimi mu kanwa ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.

Tällä hetkellä valittuna:

Matayo 22: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään