Mariko 1

1
Yohana Umubatizi ategurira inzira Yesu
1Iyi ni yo ntango y’Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w’Imana. 2Bwatanguye nk’uko vyari vyaranditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya ngo:
“Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe,
igutegurire inzira”#1:2 Malaki 3:1:
3“Ni ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati:
‘Nimutegurire Uhoraho aho aca,
mugorore inzira agenderamwo.’ ”#1:3 Yesaya 40:3
4Uko ni ko Yohana Umubatizi yaserutse mu bugaragwa yigisha umubatizo wo kwihana ngo abantu baharirwe ivyaha. 5Abantu benshi bava mu ntara ya Yudaya no mu gisagara ca Yerusalemu bakaja iyo ari. Bamaze kwatura ivyaha vyabo, yaca ababatiza mu ruzi Yorodani. 6Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. 7Yigisha avuga ati: “Uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi ku buryo bitanambereye kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’ibirato vyiwe. 8Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera.”
Ukubatizwa kwa Yesu n’ukugeragezwa kwiwe
9Muri ico gihe, Yesu ava i Nazareti mu ntara ya Galilaya, aja ku ruzi Yorodani, abatizwa na Yohana. 10Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma. 11Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”
12Muri ako kanya nyene, Mpwemu Yera aca ajana Yesu mu bugaragwa, 13ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Yabana n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi abamarayika baraza bakamukorera.
Yesu ahamagara abigishwa biwe ba mbere
14Yohana amaze gutabwa mw’ibohero, Yesu aca aja i Galilaya avuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana, 15ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”
16Umusi umwe, Yesu ariko aragendagenda ku nkengera z’ikiyaga c’i Galilaya, abona abarovyi bavukana, Simoni na Andereya, bariko bararobesha insenga. 17Arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.” 18Ako kanya nyene baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
19Yigiye imbere gato, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo bariko barabarira insenga zabo mu bwato. 20Ubwo nyene aca arabahamagara, na bo basiga se Zebedayo n’abakozi biwe mu bwato baramukurikira.
Yesu yirukana impwemu mbi mu muntu
21Nuko Yesu ajana na bo i Kaperinawumu. Umusi w’Isabato ushitse, yinjira mw’isinagogi arigisha. 22Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe. 23Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati: 24“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”
25Yesu arayizibiza ati: “Hora! Muvemwo!” 26Ya mpwemu mbi ica iramujegeza hanyuma imuvamwo ivuza induru nyinshi.
27Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!” 28Ubwo nyene inkuru ziwe zica ziramamara mu ntara yose ya Galilaya.
Yesu akiza abantu benshi
29Bavuye mw’isinagogi, Yesu aca ajana na Yakobo na Yohana i muhira kwa Simoni na Andereya. 30Bahashitse, baca babwira Yesu ko inabukwe wa Simoni ari mu buriri, arwaye kandi ashushe cane. 31Nuko Yesu yegera aho aryamye, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.
32Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abarwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni. 33Abantu bose bo muri ico gisagara bakoranira imbere y’umuryango yari arimwo. 34Nuko Yesu akiza abantu benshi bari barwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.
Yesu avuga Ubutumwa Bwiza
35Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera mu ahantu hiherereye. 36Maze Simoni n’abari kumwe na we baja kumurondera. 37Bamubonye baramubwira bati: “Abantu bose bariko barakurondera.”
38Na we arabishura ati: “Nimuze tuje mu yindi mihana yo hafi nje kwigishayo, kuko ari co canzanye.” 39Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.
Yesu ahumanura umuntu arwaye imibembe
40Umuntu arwaye imibembe araza apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: “Ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”
41Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” 42Ubwo nyene ya mibembe ica iramuvako arahumanuka.
43Yesu aca amurungika amwihanikirije ati: 44“Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.” 45Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro ahubwo aca aguma hanze kure yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 1: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään