Mariko 2

2
Yesu akiza umuntu akongataye
1Haciye imisi, Yesu asubira i Kaperinawumu, maze inkuru iramenyekana ko yagarutse i muhira. 2Abantu benshi bakoranira aho hantu haruzura ku buryo n’imbere y’umuryango ata kibanza cari kihasigaye. 3Nuko haza abantu bane bateruye ku nderuzo umuntu akongataye. 4Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Nuko basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko. 5Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ca kimuga ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
6Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari ngaho batangura kwibaza mu mitima yabo bati: 7“Uwo mugabo yubahutse gute kuvuga gutyo? Ukwo ni ugutuka Imana! Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha!”
8Ubwo nyene Yesu amenya mu mpwemu yiwe ivyo bariko baribaza mu mitima yabo. Arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima? 9Mbega icoroshe ni uko nobwira iki kimuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka wikorere inderuzo yawe ugende’? 10Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira ca kimuga ati: 11“Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.” 12Wa muntu aca arahaguruka, aterura ikirago ciwe, asohoka bose babibona. Abantu bose baratangara, bahimbaza Imana bavuga bati: “Ntitwari bwabone ibintu nk’ibi!”
Yesu ahamagara Lewi
13Yesu yongera kuja ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya. Nuko abantu benshi baza aho ari na we atangura kubigisha. 14Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!” Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
15Mu nyuma Lewi atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori benshi n’abandi banyavyaha; kuko mu bakurikira Yesu harimwo benshi bameze nk’abo. 16Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe b’Abafarisayo babonye Yesu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
17Yesu avyumvise, arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. Sinaje guhamagara abiyumvira ko ari abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abemera ko ari abanyavyaha.”
Babaza Yesu ivyerekeye kwisonzesha
18Ikindi gihe, abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bari bisonzesheje. Maze abantu baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana Umubatizi n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
19Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka! 20Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe bazoheza bisonzeshe.
21 Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose. 22Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma wa muntu akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.”
Umwami w’Isabato
23Umusi umwe, ku musi w’Isabato, Yesu yariko aca mu mirima y’ingano ari kumwe n’abigishwa biwe. Bariko bararengana, abigishwa biwe bagenda baraca imitwe y’ingano zeze. 24Abafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa bawe bakora ibitemewe ku musi w’Isabato?”
25Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje, ata co kurya bafise? 26Yinjiye mu nzu y’Imana, mu gihe c’umuherezi mukuru Abiyatari, arya imikate yashikaniwe Imana; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya; yongera ahako n’abari kumwe na we.”
27Yesu aca arababwira ati: “Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo, 28ni co gituma Umwana w’Umuntu ari na we Mwami w’Isabato.”

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 2: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään