Mariko 4

4
Umugani w’umubivyi
1Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi. 2Nuko abigisha vyinshi mu migani, ababwira ati: 3“Umviriza! Habaye umurimyi yakiriye imbuto aja kubiba. 4Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. 5Izindi zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga kuko ivu ryari rike. 6Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. 7Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama. 8Ariko hari n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza. Izo zarameze, zirakura kandi zirama; zimwe zama mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana.”
9Hanyuma aca ababwira ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
10Inyuma y’aho, Yesu ari kumwe na ba bigishwa cumi na babiri n’abandi bari bamukikije, bamubaza ivyerekeye iyo migani. 11Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku batabihawe, nkoresha imigani 12kugira ngo,
‘naho boraba, ntibabone,
naho bokwumviriza ntibatahure;
kugira ngo ntibagaruke ku Mana na yo ngo ibababarire.’ # 4:12 Yesaya 6:9,10
13Nuko Yesu arababaza ati: “Mbega ntimutahura uwo mugani? None iyindi mwoyitahura gute? 14Umubivyi abiba ijambo ry’Imana. 15Abantu bamwe bafise imitima imeze nk’i ruhande y’inzira. Bagiheza kwumva iryo jambo, Satani araza akiba iryo jambo ritewe mu mitima yabo. 16Abandi, imitima yabo imeze nk’urutare. Abo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakirana umunezero. 17Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera. 18Abandi bafise imitima imeze nk’umurima urimwo amahwa. Abo barumva ijambo ry’Imana, 19ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama. 20Abandi imitima yabo imeze nk’umurima ufise ivu ryiza. Abo na bo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakira maze bakama ivyamwa, bamwe mirongo itatu, abandi mirongo itandatu, abandi ijana.”
Umugani w’itara
21Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega hari umuntu yodomeka itara akaryubikako igiseke canke akarishira musi y’igitanda? Mbega ntibarishira aho risanzwe riterekwa? 22Nta canyegejwe kitazonyegururwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana. 23Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
24Yongera kubabwira ati: “Mushire imitima cane ku vyo mwumva! Kuko uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa, mbere kuri mwebwe bizorushiriza. 25Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike azokwakwa n’ivyo yari afise.”
Umugani w’imbuto ibibwe
26Yesu yongera kubabwira ati: “Uku ni ko Ubwami bw’Imana bugereranywa: Iyo umuntu abivye imbuto mu murima wiwe, 27haba mw’ijoro canke ku murango, asinziriye canke ari maso, izo mbuto ziramera, zigakura, ariko we ntamenya uko bigenda. 28Isi ubwayo ni yo ituma icabibwe gikura kandi kikama: ubwa mbere haza umutumba waco, hagakurikira umuyange, hanyuma intete. 29Umurima weze, wa murimyi arazana umuhoro akimbura, kuko iyimbura riba rigeze.”
Umugani w’akabuto gato
30Yesu yongera kuvuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana twobugereranya n’iki? Twokoresha uwuhe mugani mu kubusigura? 31Ubwami bw’Imana busa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride. Ako kabuto ni gato kurusha izindi zose kw’isi. 32Ariko iyo gatewe, karakura kakaba igiterwa kiruta ibindi vyose. Amashami yaco arakura, akaba manini kugeza n’aho inyoni ziza zikarika mu gitutu caco.”
33Yesu yigisha abantu akoresheje imigani myinshi isa n’iyo, akurikije ivyo bashobora gutahura. 34Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.
Yesu ahagarika igihuhusi mu kiyaga
35Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” 36Nuko basiga aho rya sinzi ry’abantu, baja mu bwato Yesu yari yicayemwo, bajana na we. Kandi hari n’ubundi bwato bwajanye n’ubwabo. 37Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi. 38Yesu we yari yiryamiye inyuma mu bwato yiseguye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, ntubabajwe n’uko tugira dupfe?”
39Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haca haba agahwekere.
40Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”
41Ba bigishwa batinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 4: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään