Mariko 7

7
Ibihumanya n’ibidahumanya
1Abafarisayo na bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari bavuye i Yerusalemu baraza bakoranira aho Yesu ari, 2maze babona bamwe mu bigishwa biwe bafungura kandi amaboko yabo ahumanye, ni ukuvuga batakaravye nk’uko umugenzo wabitegeka. 3(Mu bisanzwe, Abafarisayo n’abandi Bayuda ntibashobora gufungura batabanje gukaraba nk’uko umugenzo wa ba sekuru wabitegeka. 4Kandi n’iyo bavuye kw’isoko, ntibashobora gufungura batabanje gukaraba. Barakurikiza n’iyindi migenzo, nko kwoza ibikombe, amasafuriya, amasahani n’imeza.)
5Nuko ba Bafarisayo na ba bigisha b’ivyagezwe babaza Yesu bati: “Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza, bagafungura n’iminwe ihumanye?”
6Arabishura ati: “Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako mwa ndyarya mwe! Yanditse avuga ati:
‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,
ariko imitima yabo iri kure yanje.
7 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi;
inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ # 7:7 Yesaya 29:13
8 Mureka amabwirizwa y’Imana mugashira imitima ku migenzo y’abantu.”
9Yongera arababwira ati: “Mwagize ishaka ryo kutubahiriza amabwirizwa y’Imana kugira ngo mwubahirize imigenzo yanyu! 10Kuko Mose yavuze ati: ‘Wubahe so na nyoko,’#7:10 Kuvayo 20:12; Gusubiramwo 5:16 yongerako ati: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina, aze yicwe.’#7:10 Kuvayo 21:17; Abalewi 20:9 11Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu afise ico yari gufashisha se canke nyina, ariko akavuga ko ari Korobani (bisigura ko cagizwe inyegu y’Imana), 12ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afasha se canke nyina. 13Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa mwishimikije imigenzo mwishingiye kandi mugakora n’ibindi vyinshi bisa n’ivyo.”
14Hanyuma Yesu yongera guhamagara rya sinzi ry’abantu ngo begere aho ari, maze arababwira ati: “Nimuntege amatwi mwese, kandi mutahure: 15Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [ 16Uwufise amatwi yumva niyumve.”]#7:16 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
17Yesu amaze kuva aho abantu bari akaja mu nzu, abigishwa biwe bamusaba ngo abasigurire uwo mugani. 18Arababaza ati: “Mbega namwe ntimutahura? Ntimuzi ko ivyo umuntu arya bidashobora kumuhumanya? 19Kuko ntibija mu mutima wiwe, ahubwo bija mu nda yiwe, hanyuma bigasohoka.” (Mu kuvuga ibi, Yesu yariko yerekana ko ata vyokurya bihumanya.)
20Arongerako ati: “Ibiva mu muntu ni vyo bimuhumanya. 21Kuko imbere mu mutima w’umuntu ni ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivy’isoni nke, ubusuma, ubwicanyi, 22ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu. 23Ibi bibi vyose biva mu muntu maze bikamuhumanya.”
Yesu ashima ukwizera kw’umugore w’i Foyinike
24Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ariho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha. 25Ubwo nyene umugore yari afise umukobwa aboshwe n’impwemu mbi yumva ko Yesu ari ho ari. Aca araza apfukama imbere yiwe. 26Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe.
27Yesu aramubwira ati: “Reka abana babanze barye bahage, kuko si vyiza guterera imbwa ivyokurya vy’abana.”
28Na we aramwishura ati: “Mwami, n’imbwa na zo zirarya utwo abana bakororeye musi y’imeza.”
29Yesu aramwishura ati: “Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe.”
30Nuko arataha asanga umwana wiwe aryamye ku buriri, ya mpwemu mbi yamuvuyemwo.
Yesu akiza umuntu atumva kandi atavuga
31Hanyuma Yesu ava mu karere kegereye igisagara ca Tiro aca i Sidoni imbere yo gusubira ku kiyaga c’i Galilaya no mu karere ka Dekapolisi#7:31 Akarere kagizwe n’ibisagara cumi.. 32Ahashitse bamuzanira umuntu atumva kandi adatobora neza, binginga Yesu ngo amurambikeko ibiganza amukize.
33Nuko Yesu aramufata, amwigiza kure y’abantu, ashira intoke ziwe mu matwi y’uwo muntu, acira amate ku ntoke ziwe maze amukora ku rurimi. 34Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: “Efata!” (bisigura ngo: “Zibuka”). 35Ubwo nyene amatwi ya wa muntu arazibuka, ururimi rwiwe ruragoboroka, aca atangura kuvuga neza.
36Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza. 37Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: “Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga.”

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 7: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään