Mariko 8

8
Yesu agaburira abantu ibihumbi bine
1Muri iyo misi, kubera hari hakiri abantu isinzi kandi ata vyokurya bari bagifise, Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: 2“Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. 3Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure.”
4Abigishwa baramwishura bati: “None twokura he ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?”
5Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?”
Baramwishura bati: “Indwi.”
6Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Amaze gufata ya mikate akayishimira Imana, arayimanyagura ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko. 7Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu. 8Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 9Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje gufungura, Yesu aca arabarungika barataha. 10Ubwo nyene aca aja mu bwato n’abigishwa biwe baja mu karerere ka Dalamanuta.
11Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumutega umutego, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ko yatumwe n’Imana. 12Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: “Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzobaha.” 13Nuko aca abasiga ngaho, atambukira mu bwato aja ku rundi ruhande rw’ikiyaga.
Yesu agabisha abantu ku vyerekeye inyigisho mbi
14Ariko abigishwa bari bibagiye kuzana ivyokurya. Bari bafise umukate umwe gusa mu bwato. 15Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”
16Abigishwa baca baravugana bati: “Ibi abivuze kuko tutagira imikate.”
17Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura? 18Ko mufise amaso, ni kuki mutabona? Ko mufise amatwi, ni kuki mutumva? Nta kintu na kimwe mwibuka? 19Hamwe namanyagura ya mikate itanu nkagaburira abantu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?”
Baramwishura bati: “Cumi na bibiri.”
20Yesu arabandanya ati: “Hamwe namanyagura ya mikate indwi nkagaburira abantu ibihumbi bine, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?”
Baramwishura bati: “Indwi.”
21Maze arababaza ati: “N’ubu ntimuratahura?”
Yesu akiza impumyi i Betesayida
22Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo ayikoreko, ayikize. 23Nuko afata ukuboko ya mpumyi ayijana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso ya ya mpumyi, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: “Hari ikintu ubona?”
24Wa muntu areraguza, maze avuga ati: “Egome, ndabona abantu, ariko bameze nk’ibiti bigendagenda.”
25Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso ya wa muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza. 26Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: “Ntuce mu mihana.”
Petero avuga ko Yesu ari Kristo
27Hanyuma y’ivyo, Yesu n’abigishwa biwe bava i Galilaya baja mu mihana yegereye i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo. Bakigenda arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”
28Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ko uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya; hariho n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana.”
29Arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?”
Petero arishura ati: “Uri Kristo.”
30Yesu aca arababuza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira uwo ari we.
Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe
31Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu. 32Ivyo yabivuga mu majambo atomoye. Hanyuma Petero amujana hirya gato atangura kumwamira ngo ntasubire kuvuga ivyo bintu.
33Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Satani, herera inyuma yanje. Ivyo wiyumvira si ivy’Imana, ni ivy’abantu.”
Gukurikira Yesu
34Nuko Yesu ahamagara rya sinzi ry’abantu benshi bari hafi ngo begere abigishwa, arababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba akankurikira. 35Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza. 36Mbega vyomarira iki umuntu kugira ubutunzi bw’isi yose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? 37Mbega ni ikihe kintu c’agaciro umuntu yotanga kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? 38Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 8: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään