Mariko 9

9
1Maze abandanya ababwira ati: “Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze hano muri kano kanya ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana buza mu bushobozi bukomeye.”
Ishusho ya Yesu ihinduka
2Haheze imisi itandatu, Yesu ajana na Petero, na Yakobo na Yohana abadugana ku musozi muremure aho bashobora kuba bonyene. Bari ngaho ishusho ya Yesu ihinduka babona. 3Impuzu ziwe zirera cane, zica ibibatsi; nta muntu n’umwe kw’isi yozimesuye ngo zere nk’uko. 4Hanyuma ba bigishwa batatu babona Eliya na Mose baganira na Yesu.
5Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” 6(Yari yabuze ico avuga; kuko we na bagenziwe bari batekewe n’ubwoba.)
7Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”
8Ako kanya nyene, baravye hirya no hino, basanga Mose na Eliya bagiye, basigaranye na Yesu gusa.
9Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye. 10Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.
11Hanyuma baramubaza bati: “Ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?”
12Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa? 13Ariko ndababwire, Eliya yamaze kuza, kandi abantu bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko Ivyanditswe vyera bibivuga.”
Yesu akiza umuhungu arimwo impwemu mbi
14Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona abantu isinzi babakikije kandi bamwe mu bigisha b’ivyanditswe ni ho bari bari baharira na bo. 15Abantu bose babonye Yesu aserutse baratangara cane, biruka baja kumuramutsa.
16Yesu arababaza ati: “Mbega muriko muharira ku biki?”
17Umwe muri ba bantu arishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga. 18Ishobora kumufatira aho ari ho hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya imisaya, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara.”
19Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”
20Nuko bamuzanira wa mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, ibira ifuro mu kanwa.
21Yesu abaza se wa wa mwana ati: “Ibi vyatanguye kumushikira ryari?”
Na we arishura ati: “Kuva akiri umwana muto cane. 22Kenshi iyo mpwemu iramuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe.”
23Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”
24Ubwo nyene se wa wa mwana arasemerera ati: “Ndizera! Ariko mfasha kuko mfise ukwizera guke!”
25Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”
26Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: “Arapfuye.” 27Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.
28Mu nyuma y’ivyo, Yesu yinjiye mu nzu, abigishwa biwe baramubaza biherereye bati: “Ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”
29Arabishura ati: “Ugusenga kwonyene ni kwo gushobora kwirukana impwemu nk’irya.”
Yesu asubira kuvuga ku bijanye n’urupfu rwiwe
30Nuko bava aho hantu baca i Galilaya. Yesu ntiyashaka ko hagira uwumenya aho bari, 31kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.” 32Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
33Nuko bashika i Kaperinawumu. Ashitse mu nzu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega mwariko muharira ku ki igihe twari mu nzira tuza?” 34Ariko ntibamwishura, kuko mu nzira bariko babazanya umukuru muri bo uwo ari we.
35Yesu amaze kwicara ahamagara ba bigishwa cumi na babiri arababwira ati: “Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose.”
36Nuko afata umwana mutoya amuhagarika hagati yabo, aramuterura, ababwira ati: 37“Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”
Uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu
38Yohana abwira Yesu ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe duca turamubuza kuko atari umwe muri twebwe.”
39Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko nta muntu yokora igitangaza mw’izina ryanje hanyuma ngo agaruke amvuge nabi. 40Kuko uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu. 41Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.
Kwirinda ibigwisha mu caha
42 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga. 43Ukuboko kwawe nikwatuma ucumura, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaboko yompi, [44aho
‘inyo zaho ntizipfa,
n’umuriro waho ntuzima.’]#9:44 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
45 Kandi ukuguru kwawe nikwatuma ukora icaha, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuguru kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaguru yompi, [46aho
‘inyo zaho ntizipfa,
n’umuriro waho ntuzima.’]#9:46 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
47 Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi, 48aho
‘inyo zaho ntizipfa,
n’umuriro waho ntuzima.’ # 9:48 Yesaya 66:24
49 Umuntu wese azopimwa n’umuriro.
50 Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire ibiranga umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro.”

Tällä hetkellä valittuna:

Mariko 9: BKC

Korostus

Jaa

Kopioi

None

Haluatko, että korostuksesi tallennetaan kaikille laitteillesi? Rekisteröidy tai kirjaudu sisään