Yohana 11

11
Yesu azura Lazaro
1 # Luk 10:38, 39. Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako. 2#Yoh 12:3.Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we. 3Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye. 4#Yoh 9:3.Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.
5Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro. 6Nuko yumvise kw arwaye, asībira aho hantu yar’ ari imisi ibiri. 7Hanyuma y’ivyo abgira abigishwa biwe, ati Dusubire i Yudaya. 8#Yoh 8:59; 10:31.Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo? 9#Yoh 9:4, 5; 1 Yoh 2:10.Yesu arabishura, ati Non’ isaha z’umurango s’icumi na zibiri? Ūgenda ku murango ntatsitara, kukw abona umuco w’iyi si. 10#Yoh 12:35; 1 Yoh 2:11.Arik’ ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’ umuco utari muri we. 11#Mat 9:24; Luk 8:52.Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura. 12Nukw abigishwa baramubgira, bati Mugenzi, asangw’ asinziriye, azokira. 13Yamara Yesu yavuga urupfu rwiwe, ariko bo bagira ngw avuga kuruhuka kwo gusinzira. 14Buno Yesu avuga abifoboye, ati Lazaro yahwereye; 15ariko kubganyu ndanezerewe ko ntāriyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ ari. 16#Mrk 10:32; 14:31.Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.
17Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva. 18I Betaniya hāri hafi y’i Yerusalemu nka stadiyo#11:18 stadiyo 15 ni nk’ibilometero 3. cumi na zitanu. 19Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo. 20Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu. 21#Yoh 11:3, 32.Marita abgira Yesu, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye. 22Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha. 23Yesu aramubgira, ati Musazawe azozuka. 24#Yoh 5:29; 6:40; Luk 14:14.Marita aramwishura, ati Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo. 25Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; 26#Yoh 5:24; 8:51.kand’ ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo? 27#Yoh 6:69.Na we at’ Ego me Mugenzi, nizeye k’uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe wo kuza mw isi.
28Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje. 29Na we avyumvise, ava hasi n’ingoga, aja ah’ ari. 30#Yoh 11:20.Yesu ntiyaribgashike mur’ iyo mihana, ariko yar’ akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye. 31Bun’ Abayuda bāri kumwe na Mariya mu nzu bamwirura, babonye avuye hasi n’ingoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngw agiye kuririra ku mva. 32#Yoh 11:21.Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye. 33#Yoh 13:21.Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika, 34arababaza, ati Mwamutaye hehe? Bati Mugenzi, ngwino urābe. 35#Luk 19:41.Yesu ararira. 36Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda. 37Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Mbeg’ uyo yahumūye amaso y’impumyi, ntiyoshoboye kubuza uyo ngo ntapfe?
38 # Mat 27:60. Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ isenga yugajwe ikibuye. 39#Yoh 20:1.Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine. 40#Yoh 11:4, 23, 25, 26.Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana? 41Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42#Yoh 12:30.Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye. 43Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka. 44Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.
Abayuda baja inama yo kwica Yesu
45 # Luk 16:31; Yoh 10:42; 12:42. Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera, 46ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababgira ivyo Yesu akoze.
47Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi. 48Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’ Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu. 49Arik’ umwe muri bo, ni Kayafa, yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, arababgira, ati Mwebge nta co muzi na mba, 50#Yoh 18:14.kandi nta co mwiyumvira yukw ar’ ibibereye kubganyu k’umuntu umwe apfira abantu, hak’ ubgoko bgose buhona. 51#Ita 50:20; Kuv 28:30; Guh 27:21.Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yar’ umuherezi mukuru mur’ uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubgo bgoko; 52#Yoh 10:16; 1 Yoh 2:2; Mat 12:30.kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe. 53Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.
54Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, arikw avayo, aja mu gihugu kiri hafi y’ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa.
55 # 2 Ngo 30:17; Mrk 10:32; Ivyak 21:24, 26. Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure. 56Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero, bati Mbega, mugira ngw iki? Ubgo ntazoza mur’ iyi misi mikuru? 57Kand’ abaherezi bakuru n’Abafarisayo bāri bashinze ng’ uwomenya ah’ ari aharange, ngo bamufate.

選択箇所:

Yohana 11: RUN1967

ハイライト

シェア

コピー

None

すべてのデバイスで、ハイライト箇所を保存したいですか? サインアップまたはサインインしてください。