Itanguriro 17
17
Imana yongera guha Aburamu isezerano, imuhindura Aburahamu
1 #
Ita 24:40; Yob 1:1; Mat 5:48. Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose. 2#Ita 13:16.Nanje ngusezeraniye isezerano, nzokugwiza cane. 3#Ita 17:17; Guh 16:22; 20:6.Aburamu arapfukama, arūnama, Imana iramubgira, 4#Rom 4:11, 12.iti Rāba jewe ubganje ndagusezeraniye isezerano: uzoba sekuruza w’amahanga menshi. 5#Neh 9:7; Rom 4:17.Kandi ntucitwa Aburamu ukundi, arik’ uzokwitwa Aburahamu; kuko nkugize sekuruza w’amahanga menshi. 6#Ita 35:11.Kandi nzoguha kurondoka cane, nzotuma amahanga agukomōkako, n’abami bazokwandurukako. 7#Gal 3:17; Heb 11:16.Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma. 8#Ita 13:15; Kuv 6:7; 29:45; Lew 26:12; Zab 48:14; 105:11; Ivyah 21:7.Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.
Imana ishinga ugukebga ngo kube ikimenyetso c’isezerano
9Imana itakw ibarira Aburahamu, iti Nawe uz’ ushitse isezerano ryanje, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana. 10Iri ni ryo sezerano ryanje muzokwama mushitsa, riri hagati yanje namwe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma: izinamuhungu wese muri mwebge az’ akebge. 11#Ivyak 7:8; Rom 4:11.Muze mukebge ku munwa w’ico mwambariye; kizoba ikimenyetso c’ isezerano riri hagati yanje namwe. 12#Kuv 12:48; Lew 12:3; Luk 1:59; 2:21.Ūmaze imisi munani avutse az’ akebge, izinamuhungu wese, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ar’ ūvukiye mu rugo rwawe, ar’ uwo waguze n’umunyamahanga amahera, atākomōtse mu ruvyaro rwawe. 13Ūvukiye mu rugo rwawe n’ uwo waguze amahera, bakwiye gukebga; kand’isezerano ryanje rizoba ku mibiri yanyu, ribe isezerano ridashira. 14Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.
Aburahamu na Sara basezeranirwa ko bazovyara Isaka
15Imana ibarira Aburahamu, iti Sarayi umugore wawe ntube ukimwita Sarayi ukundi, arik’ uz’ umwite Sara. 16#Ita 18:10; 35:11.Nzomuha umugisha, nteko nguhe umwana kuri we: ni koko nzomuha umugisha, kand’azoba inakuruza w’amahanga; abami b’amoko bazokomōka kuri we. 17#Ita 17:3; 18:12.Maze Aburahamu arapfukama, arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’ umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara? 18Aburahamu abgira Imana, at’ Icompa Ishimayeli agakomera, akaba imbere y’inyonga zawe! 19#Ita 18:10; 21:2.Imana iramwishura, it’ Oya, ariko kuri Sara umugore wawe ni ho uzovyara umwana. Kand’ uz’ umwite Isaka; nanje nzokomeza isezerano ryanje na we, ngo ribe isezerano ridashira ku ruvyaro rwiwe ruzovuka hanyuma. 20#Ita 16:10; 21:13, 18.Kandi no ku vya Ishimayeli ndakwumviye: rāba ndamuhaye umugisha, kandi nzomuha kurondoka, ndamugwize cane; azovyara abatware cumi na babiri, kandi nzomuhindura ubgoko bukomeye. 21#Ita 21:2; 26:2-5.Ariko, isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara mu gihe nk’iki c’ umwaka utaha. 22#Ita 35:13.Imana ihejeje kuvugana na we, ica iradūga, iva aho Aburahamu ari.
23Aburahamu aca ajana Ishimayeli umwana wiwe, bo n’abanyarugo bose bāvukiye i we, n’abo yaguze amahera bose, izinamuhungu wese mu bo mu rugo rwiwe, abakeba kur’ iryo zuba nyene, nk’ukw Imana yamubariye. 24Aburahamu yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’icenda igihe yakebga. 25Ishimayeli umuhungu wiwe na we yar’ amaze imyaka cumi n’itatu igihe yakebga. 26Aburahamu akebanwa na Ishimayeli umuhungu wiwe ku zuba rimwe. 27N’abanyarugo biwe bose, ar’ abavukiyeho, ar’ abo yaguze n’abanyamahanga amahera, bakebanwa na we.
Currently Selected:
Itanguriro 17: RUN1967
Tya elembo
Share
Copy
Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: