Itanguriro 32
32
1Nuko Yakobo akomeza urugendo, maz’ abamarayika b’ Imana bahūra na we. 2#Yos 5:14; Zab 103:21; Luk 2:13.Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.#32:2 Mahanayimu risobanurwa ngw Imice ibiri y’ingabo zishagaje.
Yakobo arungikira Esau indamukanyo
3 #
Ita 36:8, 9; Gus 2:4, 5. Yakobo atuma intumwa ngo zimwītangire imbere zije kwa Esau mukuru we mu gihugu c’i Seyiri, mu ntāra ya Edomu. 4Arababarira, at’ Uku abe ari ko muzobgira nyakwubahwa Esau, mut’ Umusavyi wawe Yakobo, muti Yabana na Labani kugeza ubu; 5#Ita 33:8, 15.muti Kand’ afise inka n’indogoba n’imikuku n’abatungano b’abahungu n’abakobga: muti Non’ adutumye kubikumenyesha, mugenzi, kugira ngw agirirwe akagongwe imbere yawe.
6 #
Ita 33:1. Izo ntumwa zigaruka kuri Yakobo, ziti Twarashitse kwa mukurwawe Esau, non’ araje kugusanganira, kand’ azananye n’ingabo amajana ane. 7Yakobo aca aranduka umutima, arihebūra; maz’ agabanyamwo kubiri abantu bāri kumwe na we, n’imikuku n’amasho n’ingamiya; 8ati Esau ni yaramuka aserukiye ku muce umwe akawunyaga, ūsigaye wokira.
9 #
Ita 28:13; 31:3. Maze Yakobo aratakamba, ati Mana ya sogokuru Aburahamu, Mana ya data Isaka, ewe Uhoraho, si wewe wambariye, uti Subira mu gihugu canyu, no muri bene wanyu, uti Nanje nzokugirira neza? 10#2 Sam 7:18.Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri. 11#Imig 18:19.Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina. 12#Ita 28:13-15.Kand’ ari wewe wambariye, uti Sinzobura kukugirira neza, uti Nzohindura uruvyaro rwawe, rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, w’isinzi utōharūrika.
13 #
Ita 43:11. Arāra ngaho iryo joro; yābīra ku vyo yar’ afise, ngw abihe Esau mukuru we kw indamukanyo: 14impene zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri, n’ intama zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri, 15n’ ingamiya zonsa mirongwitatu n’ ivyana vyazo, n’inka mirongwine n’amapfizi cumi, n’indogoba zivyara mirongwibiri n’ivyana cumi. 16Abiha abantu biwe, ubusho bgose ukwabgo; arababarira, ati Ni munyītangire imbere mujabuke, kandi mugende muhānye inta hagati y’ubusho n’ubundi. 17Abgira uwa mbere, ati Mukurwanje Esau ni mwahūra, akakubaza, at’ Ur’ uwa nde, kand’ uja hehe? n’ ivyo ushoreye n’ivya nde? 18uheze umwishure, uti N’ivy’ umusavyi wawe Yakobo, n’indamukanyo akurungikiye, databuja Esau; uti Kandi na we nyene ar’ inyuma yacu. 19Maz’ abarira n’ uwa kabiri n’uwa gatatu kuno nyene, n’abashoreye ayo masho bose, at’ Ukw abe ari ko mubarira Esau, ni mwamubona: 20kandi muvuge, muti Mbere n’umusavyi wawe Yakobo ar’ inyuma yacu. Kuko yiyumviriye, ati Reka ndamuhōyahōyeshe indamukanyo zinyītangiye imbere, mpeze mbone guseruka imbere yiwe: kumbure yondeka akampangaza. 21Nukw izo ndamukanyo zimwītangira imbere, ziragenda; ariko we arāra ngaho iryo joro ah’ abiwe bashagaje.
Yakobo anigana n’umumarayika w’Imana
22Avyuka mur’ iryo joro, ahitana abagore biwe bompi n’incoreke ziwe zompi n’abana biwe ukw ar’ icumi n’umwe, ajabuka icambu ca Yaboki. 23Arabajana, abajabutsa uwo mugezi, ajabutsa n’ivyo yar’ afise vyose. 24Maze Yakobo asigarayo wenyene. Haza umugabo, baranigana, bashitsa mu mutwenzi. 25Uwo mugabo abonye yukw atamushoboye, akora ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, umutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo urahinyagara bakiriko baranigana. 26#Luk 18:1.Uwo mugabo aramubarira, ati Ndekura, kuk’ umutwenzi utambitse. Aramwishura, ati Sinkurekura, utampezagiye. 27Na we aramubaza, ati Witwa nde? Ati Ndi Yakobo. 28#Ita 35:10; Hos 12:3, 4.Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli;#32:28 Isirayeli risobanurwa ngo Kunigana n’Imana. kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha. 29#Abac 13:18.Yakobo aramubgira, ati Ndakwinginze, nyibarira. Aramubaza, at’ Umbariza iki izina ryanje? Amuhezagirira aho hantu. 30#Ita 16:13; Kuv 24:10, 11; Abac 6:22; 13:22; Yes 6:5.Yakobo yita aho hantu Peniyeli:#32:30 Peniyeli risobanurwa ngo Mu nyonga h’Imana. ati Mbonye Imana imbonankubone, non’ ehe ndacariho! 31Izuba rirasa akirenga Peniyeli, agenda acumbagira itako ryiwe. 32Ico ni co gituma Abisirayeli batarya umutsi w’ifyinga uri ku nyonga y’itako, na bugingo n’ubu; kuko wa mugabo yakoze ku mutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo.
Currently Selected:
Itanguriro 32: RUN1967
Tya elembo
Kabola
Copy

Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: