Logo ya YouVersion
Elilingi ya Boluki

Itanguriro 34

34
Shekemu yonona Dina, umukobga wa Yakobo
1 # Ita 30:21. Dina, umukobga Leya na Yakobo bavyaranye, aragenda aja kuramutsa abakobga bo mur’ ico gihugu. 2Maze mwene Hamori Umuhiwi, atwara ico gihugu, yitwa Shekemu, aramubona; aramufata, aramusindira, aryamana na we. 3#Yes 40:2; Hos 2:14.Ahereza umutima kuri Dina mwene Yakobo; akunda uwo mwigeme, amubarira amagambo asosa. 4#Abac 14:2.Shekemu abarira se Hamori, ati Nsabira uyu mukobga. 5Nuko Yakobo yumva yuko Shekemu yononye Dina umwana wiwe; arikw abahungu biwe bari mu musozi baragiye. Nuko Yakobo arihorera gushitsa baje. 6Maze Hamori se wa Shekemu aja kwa Yakobo ngo babonane. 7#Ita 20:9; 49:7; Yos 7:15; Abac 20:6; 2 Sam 13:12, 21.Bene Yakobo bumvise ivyabaye, bava iyo baragiye, barataha: kandi barababara, bararaka cane, kuko yakoze ikizira ku Bisirayeli, ni co kuryamana n’umukobga wa Yakobo, ar’ikidakwiye gukorwa.
8Hamori avugana na bo, at’ Umutima w’umwana wanje wazimiriye ku mukobga wanyu: ndabinginze, ni mumumuhe. 9#Ita 24:3; 28:1, 2.Kandi mushingirane natwe: mudushingire abakobga banyu, namwe murongore abacu. 10#Ita 20:15; 42:34; 47:27.Kandi mubane natwe, n’igihugu ngico, muraja aho mugomba; mukibemwo, mukidandazemwo, mwikūriremw’ amaronko. 11#Ita 32:5.Na Shekemu abarira se wa Dina na basaza be, ati Ni munkunde, munyemere, maz’ ico muncira cose ndakibaha. 12#Kuv 22:16, 17; Gus 22:29.Inkwano mwoncira n’ingabire mwonsaba, uko biribungane kwose, ndabibaha uko mubinyatse: ariko mumpe uwo mwigeme.
13Bene Yakobo bishura Shekemu na se wiwe Hamori mu buryarya, kuko Shekemu yononye Dina mushiki wabo. 14#Yos 5:2, 9.Baramubgira, bati N’ikintu tutoshobora, gushingira mushiki wacu umuntu atākebge; kukw ico coba akamāramāza kuri twebge. 15Icobitwemeza n’iki kimwe gusa, n’uko mwoba nkatwe, umuntu wese muri mwebge agakebga; 16ni ho twobashingira abakobga bacu, tukarongora abanyu, tukabana namwe, tugahinduka ubgoko bumwe. 17Ariko ni mutatwumvira, ngo mukebge, tuzohitana umukobga wacu, twīgīre.
18Amajambo yabo anezereza Hamori na Shekemu umwana wiwe. 19Uwo muhungu ntiyatebagana kubikora, kuko yakunda umukobga wa Yakobo: kandi Shekemu yarubahwa gusumba abo mu nzu ya se bose. 20#Rus 4:1; 2 Sam 15:2.Nuko Hamori n’ umwana wiwe Shekemu baja kw irembo ry’igisagara cabo, baja inama n’abagabo bo mur’ ico gisagara, 21bat’ Abo bantu n’abagwaneza; enda ni tubareke babe mu gihugu, bakidandazemwo; kukw igihugu cagutse, bagikwirwamwo; turongore abakobga babo, natwe tubashingire abacu. 22Arikw icobemeza kubana natwe, no guhinduka ubgoko bumwe, n’iki kimwe gusa, n’uk’ umuntu wese muri twebge yokebga, nk’uko na bo bakebga. 23Mbeg’ inka zabo n’ibintu vyabo n’ibiyevera vyabo vyose ntibizoba ivyacu? Mugabo tubemerere gusa, na bo babane natwe. 24#Ita 23:10.Abaca mw irembo ry’igisagara cabo bose bumvira Hamori n’umwana wiwe Shekemu; izinamuhungu wese arakebga, uwaca mw irembo ry’igisagara cabo wese.
Simeyoni na Lewi bica Shekemu n’ab’i wabo
25 # Ita 29:33, 34; 30:21; 49:5-7. Maze ku musi ugira gatatu, abo bagikanashijwe, bene Yakobo babiri, Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina, bahitana inkota zabo, batera igisagara giturumbuka, bica abagabo baho bose. 26Bicisha Hamori inkota, n’umuhungu wiwe Shekemu, bahitana Dina mu nzu ya Shekemu, bavayo. 27Bene Yakobo bakoba imivyimba, basahura igisagara, babahōra kwonona mushiki wabo. 28Banyaga imikuku yabo n’amasho yabo n’indogoba zabo, n’ivyari mu gisagara n’ivyari mu misozi; 29banyaga ubutunzi bgabo bgose, bafata mpiri abana babo bose n’abagore babo, n’ivyari mu nzu vyose.
30 # Ita 13:7; Kuv 5:21; Yos 7:25; 1 Sam 13:4; 2 Sam 10:6; Zab 105:12. Maze Yakobo abarira Simeyoni na Lewi, ati Munkwegeye ibara, kuko mutumye nzinukwa na ben’ igihugu, Abanyakanani n’Abaferizi; kandi ko tur’ inkehwa, bazokwikoraniriza hamwe, bantere, mpeze ndanduke, ndanduranwe n’inzu yanje. 31Baramwishura, bati Mbega vyari bibereye kw agirira mushiki wacu artyo, nk’ aho yari maraya?

Currently Selected:

Itanguriro 34: RUN1967

Tya elembo

Kabola

Copy

None

Olingi kobomba makomi na yo wapi otye elembo na baapareyi na yo nyonso? Kota to mpe Komisa nkombo