1
Yohana 6:35
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
Харьцуулах
Yohana 6:35 г судлах
2
Yohana 6:63
Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.
Yohana 6:63 г судлах
3
Yohana 6:27
Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
Yohana 6:27 г судлах
4
Yohana 6:40
Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
Yohana 6:40 г судлах
5
Yohana 6:29
Yesu arabishura ati: “Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye.”
Yohana 6:29 г судлах
6
Yohana 6:37
Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.
Yohana 6:37 г судлах
7
Yohana 6:68
Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!
Yohana 6:68 г судлах
8
Yohana 6:51
Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”
Yohana 6:51 г судлах
9
Yohana 6:44
Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
Yohana 6:44 г судлах
10
Yohana 6:33
Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”
Yohana 6:33 г судлах
11
Yohana 6:48
Ni jewe mukate w’ubugingo.
Yohana 6:48 г судлах
12
Yohana 6:11-12
Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura. Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire ibipfa ubusa.”
Yohana 6:11-12 г судлах
13
Yohana 6:19-20
Bamaze gusoza nk’ibirometero bitanu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba. Yesu arababwira ati: “Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
Yohana 6:19-20 г судлах
Нүүр хуудас
Библи
Тѳлѳвлѳгѳѳ
Видео