Itanguriro 8
8
Ingen’ umwuzure wakamye
1 #
Ita 19:29; 30:22; Kuv 2:24; Zab 104:7. Imana yibuka Nowa n’ibifise ubugingo vyose, n’ibitungano vyose vyari kumwe na we mu bgato: Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka. 2#Ita 7:11; 1 Abam 8:35.Amasōko y’i kuzimu arazibirwa, n’ingomero zo mw ijuru ziragomerwa, imvura iva mw ijuru irabogozwa; 3#Ita 7:24.amazi agenda ahōka kw isi ubudasiba: ya misi ijana na mirongwitanu ishize, amazi atangura kugeruka. 4Mu kwezi kw’ indwi, ku musi wakwo w’icumi n’ indwi, bga bgato buhagarara ku misozi yo muri Ararati. 5Amazi agenda arageruka ubudasiba, gushitsa mu kwezi kw’icumi: mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo wa mbere, udutwe tw’ imisozi turaboneka. 6Imisi mirongwine ishize, Nowa yugurura idirisha ry’ubgato yabāje; 7arekura igikōna, kiragenda kirajarajara gushitsa aho amazi yakamiye kw isi. 8Maz’ arekura inuma kugira ngw amenye kw amazi yoba agabanutse kw isi. 9Maze ntiyabona aho ishinga ikirenge, imugarukako mu bgato, kukw amazi yar’agikwiye kw isi yose: atuma ukuboko arayifata, ayizana mu bgato. 10Asiba iyindi misi ndwi, yongera kurekura iyo numa ngw ive mu bgato; 11igaruka kuri we ku mugoroba, ifise akababi kabisi k’umwelayo mu kanwa. Nuko Nowa aca amenya kw amazi agabanutse kw isi. 12Asība iyindi misi ndwi, arekura iyo numa, ntiyasubira kumugarukak’ ukundi. 13Maze mu mwaka w’amajana atandatu na rimwe, mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere, amazi akama kw isi. Nowa akūrah’ igisakaye ubgo bgato, aritegereza, abona isi yūmūtse. 14Mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri n’ indwi, isi irūma.
Nowa ava mu bgato
15Imana ibarira Nowa, 16#Ita 7:13.iti Sohoka mu bgato, mwe n’umugore wawe n’abana bawe n’abakazana bawe. 17#Ita 1:22, 28.Kand’ usohokane ibiri n’ubugingo vyose bifise umubiri, biri kumwe nawe, ibiguruka n’ibitungano n’ivyikwega hasi vyose, kugira ngo bisegenyukire cane mw isi, birondoke, bigwirire mw isi. 18Nuko Nowa arasohoka, bo n’ abana biwe n’umugore wiwe n’ abakazana biwe, 19n’ibitungano n’ibikōko vyose n’ivyikwega hasi n’ibiguruka vyose, mbere n’ibigenda kw isi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari, birasohoka biva mur’ ubgo bgato.
20 #
Ita 7:2, 3. Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa. 21#Ita 3:17; 6:5; Kuv 29:18; Lew 1:9; Yes 54:9; Ezk 20:41; Rom 3:23; Ef 5:2; Flp 4:18.Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze. 22#Yer 5:24; 33:20, 25.Isi ikiriho, ibiba n’iyimbura, n’imbeho n’ubushuhe, n’ici n’agatāsi, n’umurango n’ijoro ntibizovaho.
လက္ရွိေရြးခ်ယ္ထားမွု
Itanguriro 8: RUN1967
အေရာင္မွတ္ခ်က္
မၽွေဝရန္
ကူးယူ
မိမိစက္ကိရိယာအားလုံးတြင္ မိမိအေရာင္ခ်ယ္ေသာအရာမ်ားကို သိမ္းဆည္းထားလိုပါသလား။ စာရင္းသြင္းပါ (သို႔) အေကာင့္ဝင္လိုက္ပါ
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: