Itanguriro 18
18
Aburahamu azimana abamarayika
1 #
Ita 13:18. Uhoraho abonekera Aburahamu ari kuri vya biti vya Mamure vyitwa imyeloni; yari yicaye mu muryango w’ihema ryiwe mu ndugumba yo mu gihe c’amashōka; 2#Ita 19:1; Heb 13:2.yunamuye amaso abona abagabo batatu bahagaze bamutumbereye: ababonye, ava mu muryango w’ihema, yirukanga kubasanganira, akubita inkoro hasi, 3ati Mutungwa, namba nogira amahirwe imbere yawe, ukemera, ndakwinginze nturengane umusavyi wawe: 4#Ita 19:2; 43:24; Luk 7:44; Yoh 13:14; 1 Tim 5:10.nuko bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti: 5nanje nzane utwo kurya, mwihēmbūre, muheze mubone kugenda, ko mugendeye umusavyi wanyu. Bati Kora uko uvuze. 6Aburahamu yitera mw ihema aho Sara ari, ati Tunganya n’ingoga ivyibo bitatu vy’ifu igogōretse, urondere umutsima. 7Aburahamu arabandanya, aja mu busho, ahinda ishuri y’igitegetera nziza, ayiha umusuku wiwe, aca ayibāga n’ingoga. 8Yābīra amata y’urubu n’amakamano, n’inyama za ya shuri yabāze, abitereka imbere yabo; abahagarara mu mbavu musi ya ca giti, bararya.
Sara asezeranirwa kuvyara Isaka
9Baramubaza, bati Sara umugore wawe ari hehe? arabishura, at’ Ari mw ihema. 10#Ita 21:2; 2 Abam 4:16; Rom 9:9.Aramubgira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, sinzobura kugaruka i wawe, Sara umugore wawe yavyaye umuhungu. Sara avyumviririza mu muryango w’ihema, ahahera inyuma yabo. 11#Ita 17:17; Rom 4:19; Heb 11:11, 12.Kandi Aburahamu na Sara bari bashaje, bageze mu zabukuru: kandi Sara yari yaraciye. 12#Luk 1:18; 1 Pet 3:6.Maze Sara atwengera mu mutima, ati Ko mmaze gukecura noba nkigomba umugabo, kand’ umwami wanje akaba ashaje? 13Uhoraho abaza Aburahamu, ati N’iki gitumye Sara atwenga, akavuga ngw Aho n’ivy’ ukuri, noba nkivyara umwana nkecuye? 14#Yob 42:2; Yer 32:17; Zek 8:6; Mat 19:26; Luk 1:37; Rom 4:21; 9:9.Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu. 15Maze Sara arahakana, at’ Eka sintwenze: kukw atinye. Aramubarira, at’ Oya uratwenze.
Aburahamu asabira Sodomu
16Abo bagabo barahaguruka, baragenda, batumbereye i Sodomu: Aburahamu abaja inyuma arabaherekeza. 17#Zab 25:14; Am 3:7; Yoh 15:15.Maz’ Uhoraho arivuganya, ati Mbega Aburahamu nomuhisha ico ngira nkore, 18#Ita 12:3.kand’ ari we azohinduka ihanga rinini rikomeye, amahanga yose yo mw isi akazohērwa umugisha muri we? 19#Gus 4:9; Yos 24:15.Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko. 20#Ita 4:10; 19:13; Yak 5:4.Maz’ Uhoraho aravuga, at’ Induru zir’i Sodomu n’i Gomora kw ari nyinshi, kand’ ivyaha vyaho bikaba vyabaye ikirenga, 21#Ita 11:5; Kuv 3:8.ndamanutse ndābe yuko bakora ibihwanye rwose n’ukw induru zaho zanshikiriye; kandi namb’ atari ko biri, ndabimenye.
22 #
Ita 19:1; Zab 106:23. Abo bagabo barijura, bagenda batumbereye i Sodomu: ariko Aburahamu asigara ahagaze imbere y’Uhoraho. 23#Ita 20:4; Guh 16:22; 2 Sam 24:17.Maze Aburahamu aramwegera, aramubaza, ati Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha? 24Kumbure mur’ ico gisagara hobamw’ abagororotsi mirongwitanu: none wokirandura ntugitunge, kandi kirimw’ abagororotsi mirongwitanu? 25#Yob 8:3, 20; 34:10; Zab 58:11; Rom 3:5, 6.Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse? 26#Yer 5:1; Ezk 22:30; Mat 24:22.Uhoraho aramwishura, ati Ni nabona abagororotsi mirongwitanu mur’ ico gisagara c’i Sodomu, nzotunga aho hantu hose kubgabo.
27 #
Luk 18:1. Aburahamu arongera aramubgira, at’ Eh’ ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje, naho nd’ umukungugu n’umunyota gusa: 28kumbure mu bagororotsi mirongwitanu hazoburamwo batanu, none worandura igisagara cose, kuko habuze batanu? Aramwishura, ati Sinzokirandura, mbonyeyo mirongwine na batanu.
29Arongera aramubgira, ati Kumbure hobonekamwo mirongwine. Aramwishura, ati Na ho nyene nta co nzokora kubg’ abo mirongwine.
30Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga mvuge n’iri: kumbure hobonekamwo mirongwitatu. Aramwishura, ati Na ho nyene nta co nzokora mbonyeyo mirongwitatu.
31Arongera, at’ Eh’ ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje: kumbure hobonekamwo mirongwibiri. Aramwishura, ati Na ho nyene sinokirandura kubg’ abo mirongwibiri.
32 #
Abac 6:39. Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga nongere mvuge iri rimwe gusa: kumbure hobonekamw’ icumi. Aramwishura, ati Na ho nyene sinokirandura kubg’ abo cumi.
33Uhoraho aca arīgīra, ahejeje kuvugana na Aburahamu; Aburahamu na we asubira i we.
Поточний вибір:
Itanguriro 18: RUN1967
Позначайте
Поділитись
Копіювати
Хочете, щоб ваші позначення зберігалися на всіх ваших пристроях? Зареєструйтеся або увійдіть
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967