Itanguriro 7

7
Ingen’ isi yarengewe n’amazi
1 # Ita 6:9; Mat 24:38, 39; Luk 17:26, 27; Heb 11:7; 1 Pet 3:20. Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje. 2#Lew 11:1-31.Mu bitungano vyose bitazira no mu bikōko vyose bitazira, utwaremw’ ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwi‐ndwi vyavyo; mu bikōko bizira na ho, utwaremwo bibiri‐bibiri, ikigabo n’ikigore caco; 3no mu biguruka mu kirere, utwaremw’ ibigabo ndwi‐ndwi n’ ibigore ndwi‐ndwi, kugira ng’uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rubone gusubira kubaho mw isi yose. 4#Ita 6:17.Kukw imisi ndwi ishize, nzorekurira imvura kw isi imare imisi mirongwine igwa umurango n’ijoro, ibifise ubugingo vyose naremye ndabimare mw isi. 5#Ita 6:22.Nuko Nowa abigenza nk’uk’ Uhoraho yabimugeze vyose.
6Igihe umwuzure w’amazi waza kw isi, Nowa yar’ amaze imyaka amajana atandatu. 7Nowa aca yinjirana mur’ ubgo bgato n’abana biwe n’umugore wiwe n’abakazana biwe, ngw ahunge ayo mazi y’ umwuzure. 8Mu bitungano bitazira no mu bikōko bitazira, no mu bizira na vyo, no mu biguruka, no mu vyikwega hasi vyose, 9bibiri‐bibiri vyinjirana na Nowa mur’ ubgo bgato, ikigabo n’ikigore, nk’ ukw Imana yamugeze.
10Maz’ iyo misi ndwi ishize, amazi y’umwuzure asendanisha kw isi. 11#Ita 8:2; Zab 78:23; Imig 8:28; Yes 24:18; Mal 3:10.Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo w’icumi n’indwi, amasōko yose y’i kuzimu arapumuka, ingomero zo mw ijuru zose ziragomororwa. 12Imvura imara imisi mirongwine igwa kw isi umurango n’ijoro. 13Kur’ uwo musi nyene Nowa yinjira mur’ubgo bgato, bo na Shemu na Hamu na Yafeti abana biwe, n’umugore wiwe, n’abakazana biwe ukw ari batatu; 14binjirana n’ibikōko vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano nk’ ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka mu kirere vyose nk’ ukw amoko yavyo ari, ibifise ivyubi vy’uburyo bgose. 15#Ita 6:20.Vyinjirana na Nowa mu bgato, bibiri‐bibiri mu bifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka. 16#Ita 7:2, 3.Ivyinjiye vyar’ ikigabo n’ikigore vyo mu bifise umubiri vyose, nk’ukw Imana yamugeze: maz’ Uhoraho amwugaranira imbere. 17Umwuzure umara kw isi imisi mirongwine, amazi aragāra, aterura bga bgato, buva kw isi burareremba. 18Amazi arīganza, yiyongeranya cane kugāra kw isi; maz’ ubgo bgato buzengerera hejuru ku mazi. 19#Zab 104:6.Amazi arushiriza cane kwiganza kw isi, imisozi miremire yose yo musi y’ijuru iyo riva rikagera irarengerwa. 20Amazi arīganza asumba imisozi, ayirenga amatambge cumi n’atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora. 21#Ita 6:13, 17; 2 Pet 3:6.Ibifise umubiri vyose bigenda kw isi birapfa, uhereye ku biguruka no ku bitungano no ku bikōko no ku vyikwega hasi vyose, no ku bantu bose. 22#Ita 2:7.Ibihumeka impwemu z’ubugingo mu mazuru vyose, vyaba i musozi, birapfa. 23#2 Pet 2:5.Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato. 24Amazi amara imisi ijana na mirongwitanu yīganziye kw isi.

Поточний вибір:

Itanguriro 7: RUN1967

Позначайте

Поділитись

Копіювати

None

Хочете, щоб ваші позначення зберігалися на всіх ваших пристроях? Зареєструйтеся або увійдіть