1
Yohana 11:25-26
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’ ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?
Qhathanisa
Hlola Yohana 11:25-26
2
Yohana 11:40
Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?
Hlola Yohana 11:40
3
Yohana 11:35
Yesu ararira.
Hlola Yohana 11:35
4
Yohana 11:4
Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.
Hlola Yohana 11:4
5
Yohana 11:43-44
Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka. Uwari yāpfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati Ni mumuhamburure, mumureke, agende.
Hlola Yohana 11:43-44
6
Yohana 11:38
Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ isenga yugajwe ikibuye.
Hlola Yohana 11:38
7
Yohana 11:11
Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.
Hlola Yohana 11:11
Ikhaya
IBhayibheli
Amapulani
Amavidiyo