Yohana 6
6
Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu
1 #
Mat 14:13-21; 15:32-39; Mrk 6:32-44; 8:1-10; Luk 9:10-17. Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya. 2Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye. 3Yesu adūga umusozi, yicaranayo n’abigishwa biwe. 4#Yoh 2:13; 11:55; Luk 22:1.Kandi Pasika, imisi mikuru y’Abayuda, yari hafi. 5Yesu yunamuye amaso, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo, ati Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose? 6Icatumye avuga artyo kwār’ ukumugeza, kuk’ ubgiwe yar’ azi ico agira akore. 7Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo#6:7 idenariyo imwe n’ihera ryagererwa umuntu ku musi. amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya. 8Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubgira, 9#2 Abam 4:42, 43.ati Hano har’ umuhungu ari n’udutsima dutanu twa sayiri, n’udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangaho? 10Yesu aravuga, ati Ni mwicarike abantu. Kand’ aho hantu hār’ ivyatsi vyinshi: nukw abantu baricara, igitigiri cabo cari nk’ibihumbi bitanu. 11Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba. 12Bamaze guhāga, abgira abigishwa biwe, ati Ni mutororokanye utumanyagu tw’ imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa. 13Baradutororokanya, buzuza ibisimbo cumi na bibiri vy’utumanyagu twa ya mitsima itanu ya sayiri, utw’ abāriye bashigaje. 14#Gus 18:15.Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.
15 #
Yoh 18:36. Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.
Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga
16 #
Mat 14:22-33; Mrk 6:45-52. Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga, 17batambukira mu bgato, bajabuka baja hakurya y’ikiyaga i Kaperinawumu. Bgateranye Yesu atarabashikīra; 18ikiyaga gitangura kuzungazunga, kuk’ umuyaga mwinshi uhuhuta. 19Bamaze gusōza nka stadiyo#6:19 stadiyo 25 ni nk’ibilometero 5. mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw arēgēra ubgato, na bo baratinya. 20Maz’ arababgira, ati Ni jewe, nta co mutinya. 21Bumva bakunze kumushira mu bgato, buno nyene buca bushika i musozi aho bāja.
Umutsima w’ubugingo
22Bukeye bg’aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y’ikiyaga, rimenye kw ata bundi bgato bgāriho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atājanye n’abigishwa biwe mu bgato, arikw abigishwa biwe ni bo bāri bījanye: 23#Yoh 6:11.(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu). 24Nukw iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n’abigishwa biwe na bo ar’ uko, rija mur’ ano mato na ryo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu.
25Bamubonye hakurya y’ikiyaga baramubaza, bati Mwigisha, waje ino ryari? 26Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga. 27#Yoh 4:14; 5:36; Mat 16:12.Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.#6:27 Mu Kigiriki gushirakw ikimenyetso n’ukukidoma mw ishashara iyagijwe. Rāba Ivyah 5:1. 28Baramubaza, bati Tugire dute ngo dukore ibikorwa vy’Imana? 29#1 Yoh 3:23.Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye. 30#Yoh 2:18; Mrk 8:11.Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite? 31#Kuv 16:13, 14; Zab 78:24.Ba sogokuruza bacu bārīra manu mu bugaragwa, nk’uko vyanditswe ngo Yabahaye umutsima wo kurya uvuye mw ijuru.
32 #
Yoh 6:49. Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru. 33#Yoh 6:51.Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo. 34Baramubgira, bati Mugenzi, na ntaryo uz’ uhore uduha uwo mutsima.
35 #
Yoh 4:14; 6:48; 7:37. Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba. 36#Yoh 6:26, 29.Ariko narababgiye yuko mwāmbonye, muraheza ntimwizera. 37#Yoh 17:6-8; Mat 11:28.Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya. 38#Yoh 4:34; Mat 26:39.Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba. 39#Yoh 10:28, 29; 17:12.Kand’ ic’ uwantumye agomba ngiki: agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nze nkizure ku musi w’iherezo. 40#Yoh 5:29; 11:24.Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.
41Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru. 42#Luk 4:22.Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru? 43Yesu arabishura, ati Nta co mugira imyidodombo muri mwebge. 44#Yoh 6:55.Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo. 45#Yes 54:13; Yer 31:33, 34.Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe. 46#Yoh 1:18.S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data. 47#Yoh 3:16.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise ubugingo budashira. 48#Yoh 6:35.Ni jewe mutsima w’ubugingo. 49#Yoh 6:31, 32; 1 Kor 10:3, 5.Ba sogokuruza banyu bārīra manu mu bugaragwa, barapfa: 50uyu ni wo mutsima umanuka uva mw ijuru, ng’ umuntu awuryako ntapfe. 51#Heb 10:5, 10.Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.
52 #
Yoh 6:60. Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye? 53Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge. 54Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo. 55Kuk’ umubiri wanje ar’ ico kurya c’ukuri, n’amaraso yanje ar’ ico kunywa c’ukuri. 56#Yoh 15:4; 1 Yoh 3:24; 2:24.Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, aguma muri jewe, nanje nkaguma muri we. 57Nk’uko Data w’ubugingo yantumye, nanje ndiho kubga Data, ni k’ūndya na we azobaho kubganje. 58Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw ijuru, si nk’uwo ba sogokuruza banyu bāriye, ariko bagapfa; ūrya uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira. 59Ivyo yabivugiye mw isinagogi yigisha i Kaperinawumu.
Benshi batangura kugaburura
60Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora? 61Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje? 62#Yoh 3:13.None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere? 63#2 Kor 3:6.Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo. 64#Yoh 13:11.Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we. 65#Yoh 6:44.Kand’ aravuga, ati Ni co catumye mbabgira kw ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.
Gushinga intahe kwa Petero
66Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we. 67Yesu abaza bamwe cumi na babiri, ati Mbega namwe muragomba kwīgīra? 68#Yoh 6:63.Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira, 69#Yoh 1:49; 11:27; Mat 14:33; 16:16.natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’ Uwera w’Imana. 70Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi. 71Yavuga Yuda Isikaryota, mwene Simoni, kukw ari we yagira az’ amugure, yar’ uwo muri bamwe cumi na babiri.
Okuqokiwe okwamanje:
Yohana 6: RUN1967
Qhakambisa
Dlulisela
Kopisha
Ufuna ukuthi okuvelele kwakho kugcinwe kuwo wonke amadivayisi akho? Bhalisa noma ngena ngemvume
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: