1
Itanguriro 46:3
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Imana iramubwira iti: “Ndi Imana, Imana ya so. Ntutinye kuja muri Egiputa, kuko muri kirya gihugu nzohagwiriza umuryango wawe ube ihanga rinini.
Compare
Explore Itanguriro 46:3
2
Itanguriro 46:4
Nzojana nawe muri Egiputa, kandi nzokugarukana. Wewe uzopfira muri Egiputa, ariko Yosefu ubwiwe ni we azokwugara amaso yawe.”
Explore Itanguriro 46:4
3
Itanguriro 46:29
Yosefu ategura imikogote yiwe, aja i Gosheni guhura na se, Isirayeli. Abonye se, aramvura amaboko aramugumbira maze amara umwanya muremure arira.
Explore Itanguriro 46:29
4
Itanguriro 46:30
Isirayeli abwira Yosefu ati: “Ubu rero harageze ko mpfa, kuko nsubiye kubona mu maso hawe kandi mbonye ko ukiriho.”
Explore Itanguriro 46:30