Itanguriro 27
27
Yakobo yihindura Esau, atwara umugisha wiwe
1 #
Ita 48:10; 1 Sam 3:2. Isaka ashaje, amaso yiwe asigaye abona ivyijiji, ahwihwisha gusa, ahamagara imfura yiwe Esau, at’ Ewe mwana wanje! Aritaba, ati Sabge! 2Aramubgira, ati Rāba ndashaje, sinzi umusi ruzompitana. 3#Ita 25:27, 28.Non’ enda rero, ni wābīre ivyo uhīgisha, umutana wawe n’umuheto wawe, ugende mw ishamba uhīge, undonderere akanyama, 4#Ita 27:9, 10; 48:9, 15; 49:28.uheze uteke zīcumbe, nk’izo nsanzwe nkunda, uzinzanire ndye, mbone kuguhezagira ntarapfa.
5Rebeka yumviriza Isaka ivyo abarira Esau umwana wiwe. Nuko Esau aja mw ishamba kurondera ico ahīga ngw akizanire se. 6Maze Rebeka abarira Yakobo umwana wiwe, ati Numvise so abarira Esau mukurwawe, 7ngw agende amuzanire ico ahize, amutekere zīcumbe, arye, amuhezagirire imbere y’Uhoraho atarapfa. 8Nuko rero mwana wanje, enda ni wumve ivyo nkubarira: 9genda mu mukuku, unzanirey’ amasuguru y’impene abiri meza‐meza; nanje ndonderere so, mmutekere zīcumbe, nk’ iz’ asanzwe akunda: 10#Ita 27:4.nawe uheze uzishīre so, arye, kugira ngw aguhezagire atarapfa. 11#Ita 25:25.Yakobo yishura Rebeka nyina wiwe, at’ Ehe rāba, Esau mukurwanje n’umuntu yakatse ivyoya, nanje umubiri wanje n’inkūte. 12#Ita 27:22; Gus 27:18.Kumbure data yonkorakora, ngasa n’ingunge kuri we, nkikwegera umuvumo mu gishingo c’umuhezagiro. 13#Ita 27:8; 1 Sam 25:24; 2 Sam 14:9.Nyina aramwishura, ati Mwana wanje, umuvumo wovumwe uz’ube kuri jewe; pfa kunyumvira gusa, ugende uzinzanire. 14Aragenda arazizana, aziha nyina; nyina ateka inyama zazo, zirīcumba, ziba nk’ izo se asanzwe akunda. 15#Ita 27:27.Rebeka yābīra imyambaro myiza ya Esau imfura yiwe, iyo yar’ afise mu nzu, ayambika Yakobo ari we Butoyi. 16Kand’ ashira insāto za ya masuguru y’impene ku bikonjo vyiwe, no kw izosi ah’ar’ inkūte. 17Ahereza uwo mwana wiwe Yakobo za nyama zīcumvye, n’umutsima yacumvye, 18na we aja iyo se ari, aramuhamagara, ati Data! aritaba, at’ Ee? at’ Uri nde ga mwana wanje? 19Yakobo yishura se, ati Ni jewe Esau imfura yawe; nkoze ivyo wambariye; enda se vyuka wicare, urye ku vyo nahīze, kugira ng’umpezagire. 20Isaka abaza umwana wiwe, ati Ko waronse n’ingoga, ga mwana wanje? Ati N’uk’ Uhoraho Imana yawe ampaye kugira ibakwe. 21#Ita 27:12.Isaka abarira Yakobo, at’ Enda īgira hino mwana wanje, ngukorakore, mmenye k’uri Esau umwana wanje koko, canke k’ utari we. 22Nuko Yakobo yegera se wiwe Isaka; aramukorakora, aravuga, at’ Ijwi n’irya Yakobo, arikw ibikonjo n’ivya Esau. 23#Ita 27:16; Heb 11:20.Ntiyamenya uw’ari we, kukw ibikonjo vyiwe vyarik’ ubgoya, nk’ ivya mukuru we Esau: nukw aramuhezagira. 24Aramubaza, ati Mbeg’ uri Esau umwana wanje koko? Aramwishura, ati Ndi we. 25#Ita 27:10.Aramubarira, ati Vyīgize hino, nanje ndye ku vyo wahīze, mwana wanje, kugira ngo nguhezagire. Arabimwegereza, ararya: amuzanira vino, arashōza. 26Maze se wiwe Isaka aramubarira, ati Nyegera mwana wanje, ungūmbīre. 27#Ita 27:15; Hos 14:6; Heb 6:7.Aramwegera, aramugūmbīra: yumva ubutāmirane bg’imyambaro yiwe, aramuhezagira,
at’ Ubutāmirane bg’umwana wanje
Bumeze nk’ubg’ umurima Uhoraho yahaye umugisha:
28 #
Gus 33:13, 28; 2 Sam 1:21; Yow 2:19; Zek 8:12. Nukw Imana iguhe ku kime kiva mw ijuru,
No ku biboribori vyo mu ndimiro,
Hakikimbe impeke na vino:
29 #
Ita 12:3; 49:8; 2 Sam 8:14. Amoko az’ agukorere,
Amahanga az’ akwikubite imbere:
Uz’ uganze abo muvukana,
Bene nyoko bakwikubite imbere;
Ūzokuvuma wese avumwe,
Ūzoguhezagira wese ahezagirwe.
Esau arizwa n’ukw abuze umuhezagiro
30Nuko Isaka arangije guhezagira Yakobo, Yakobo akiva imbere ya se wiwe Isaka, Esau mukuru we aca arahīgūka. 31Na we ateka inyama zirīcumba, azizanira se; abarira se, ati Data, n’uvyuke urye ku vyo nahīze, jewe umwana wawe, kugira ng’umpezagire. 32Isaka se aramubaza, at’ Uri nde? Aramwishura, ati Ni jewe Esau, umwana wawe w’imfura. 33#Guh 23:20.Isaka aca ahinda agashitsi kenshi cane, ati None ni nde yahīze, akanzanira kuri vyo, nkaba nariye, kuri vyose utaraza, nkamuhezagira? Kandi nta kabuza, umuhezagiro azowugira. 34#Heb 12:17.Esau yumvise amajambo ya se, araturikisha, aborogana umubabaro mwinshi cane, abarira se, ati Mpezagira nanje se muvyeyi wanje! 35Aramwishura, ati Murumunawe yaciye mu bugunge, atwara umuhezagiro wawe. 36#Ita 25:26, 33.Aramwishura, ati Yakobo ni Yakobo koko; izina ni ryo muntu! Yambereye intōnyōtsi kabiri kose: yannyaze kuba samuragwa, non’ asubiriye n’umuhezagiro wanje! Arongera aramubaza, ati Nta muhezagiro wansigarije na mba? 37#Ita 27:28, 29.Isaka yishura Esau, at’ Erega namaze kumuha kukuganza, kand’ ab’i wabo nabamuhaye ngo bamusabe; kandi namweguriye ingano na vino; none nogukorera iki ga mwana wanje? 38#Heb 12:17.Esau abaza se, ati Mbega muvyeyi, war’ ufise umuhezagiro umwe gusa? Mpezagira nanje se muvyeyi wanje! Esau araturika ararira. 39#Ita 36:6, 7.Se wiwe Isaka aramwishura,
at’ Uzoba kure y’ibiboribori vyo mu ndimiro,
Uzoba kure y’ikime kiva mw ijuru;
40 #
Ita 25:23; 2 Abam 8:20, 22. Inkota yawe ni yo izokubeshaho, kand’ uzokorera murumunawe;
Kand’ igihe kizogera uzokwigobōtora,
Wikunkumure ingōgo yakwambitse mw izosi.
41Esau agirira Yakobo urwanko, kubg’ umuhezagiro se yamuhezagiye: maze Esau arivuganya mu mutima, ati Data ashigaje igihe gito tukaja ku kigandaro: ni ho nzokwica murumunanje Yakobo. 42Babarira Rebeka amagambo ya Esau imfura yiwe; ahamagaza Yakobo ari we Butoyi, aramubgira, at’ Umve, Esau mukurwawe agira yimare ishavu wamuteye, akwice. 43None rero mwana wanje, umve nkubarire: kūra hasi, uhunge, uje i Harani kwa Labani musazanje, 44ube uramazey’ imisi mikeya, gushitsa ah’ ishavu rya mukurwawe rizoshirira, 45akazika agufitiye kagashira kuri wewe, akibagira ivyo wamukoreye: maze nzoca ngutumako, ugaruke: none nobaburira rimwe mwempi?
Isaka arungika Yakobo i Padan‐aramu
46 #
Ita 26:34, 35. Maze Rebeka abarira Isaka, ati Numva ndundumiwe kubg’ abo Bahetikazi, nopfuma mpfa! Yakobo yorongora Umuhetikazi nka ba bandi, noba nkibēreyeh’ iki?
Currently Selected:
Itanguriro 27: RUN1967
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapistaging.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967