Itanguriro 28
28
1 #
Ita 24:3-6. Nuko Isaka ahamagara Yakobo, aramuhezagira, aramwihanikiriza, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi. 2#Ita 25:20.Va hasi, uje i Padan‐aramu kwa Betuweli sogokuru; uz’ usabey’ umugeni mu bakobga ba Labani nyokorome. 3#Ita 17:1, 6.Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga. 4#Ita 12:2, 3; 17:8.Kand’ iguhe umugisha yahaye Aburahamu, wewe n’uruvyaro rwawe na rwo, kugira ngo wegukire iki gihugu wabayemwo kitār’ icanyu, ico Imana yemereye guha Aburahamu. 5#Hos 12:12.Nuko Isaka arungika Yakobo: aragenda, aja i Padan‐aramu kwa Labani mwene Betuweli Umwaramu, musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Esau.
6Maze Esau abona yuko Isaka ahezagiye Yakobo, akamurungika i Padan‐aramu gusabay’ umugeni; kandi ko yamwihanikirije akimuhezagira, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi; 7kandi ko Yakobo yumviye se na nyina, akaja i Padan‐aramu. 8#Ita 26:35.Nuko Esau abonye yukw Abanyakananikazi batanezereye se wiwe Isaka, 9#Ita 25:13; 36:3.aca aja kwa Ishimayeli, asabayo Mahalati mushiki wa Nebayoti, umukobga wa Ishimayeli, Ishimayeli mwene Aburahamu, amuharika ba bagore yar’asanganywe.
Yakobo arota icuririzo
10 #
Ita 26:33; 27:43. Yakobo ava i Beri‐sheba, agenda atumbereye i Harani. 11Ashika ahantu araharāra, kukw izuba ryari ricokeye: yābīra ibuye mu mabuye yaho, araryisegura, aryama aho hantu arasinzira. 12#Yob 33:15, 16; Yoh 1:51.Ararota, abona icuririzo gishinzwe hasi, umutwe waco ugashika mw ijuru: abona abamarayika b’ Imana bakidūgako, bakimanukako. 13#Ita 13:15; 26:24; 35:1; 48:3.Kand’ Uhoraho yar’ ahagaze hejuru yaco, aramubarira, ati Nd’ Uhoraho, Imana ya Aburahamu sogokuru, Imana ya Isaka: iki gihugu uryamyemwo, nzokiguha, mwe n’uruvyaro rwawe; 14#Ita 12:3; 13:16.kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha. 15#Ita 26:24; 31:3; 35:6; Guh 23:19.Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye. 16Yakobo arikangura, aravuga, ati N’ukuri Uhoraho ar’ aha hantu; nanje sinari ndabizi. 17Aratinya, aravuga, at’ Ereg’ aha hantu hateye ubgoba! At’ Aha n’inzu y’Imana s’ikindi, aha ni ho rembo ry’ijuru. 18#Ita 31:13, 45; 35:14; 1 Sam 7:12.Yakobo azinduka kare mu gatondo, yābīra rya buye yiseguye, ararishinga ngo ribe inkingi, arisukakw amavuta ya elayo. 19#Ita 35:7; Abac 1:23.Aho hantu aca ahita Beteli,#28:19 Beteli hasobanurwa ngw Inzu y’Imana. arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi. 20#Ita 31:13.Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara, 21#Gus 26:17; Abac 11:31; 2 Sam 15:8.nkazogaruka kwa data nkir’ amahoro, Uhoraho azoba Imana yanje, 22#Ita 14:20; 35:7, 14; Lew 27:30.n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.
Currently Selected:
Itanguriro 28: RUN1967
Highlight
Share
Copy
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapistaging.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fen.png&w=128&q=75)
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967