Itanguriro 36
36
Uruvyaro rwa Esau
1 #
Ita 25:30. Uru ni rwo ruvyaro rwa Esau, ari we Edomu. 2#Ita 26:34.Esau yarongoye Abanyakananikazi, Ada umukobga wa Eloni Umuheti, na Oholibama umukobga wa Ana, Ana mwene Sibeyoni Umuhiwi; 3#Ita 28:9.na Basemati mushiki wa Nebayoti, umukobga wa Ishimayeli. 4#1 Ngo 1:35.Esau avyarana na Ada Elifazi; Basemati na we bavyarana Ruweli; 5Oholibama bavyarana Yushi na Yalamu na Kora: abo ni bo bahungu ba Esau, yavyariye mu gihugu c’i Kanani.
6Esau akora abagore biwe n’abahungu biwe n’abakobga biwe, n’ abantu bose bo mu rugo rwiwe, n’ inka ziwe, n’ibiyevera vyiwe vyose, n’ibintu vyiwe vyose, yaronkeye mu gihugu c’i Kanani; aja mu kindi gihugu, atandukana na mwene nyina Yakobo. 7#Ita 13:6; 17:8.Kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bigatuma badashobora kubangikana; kand’ igihugu bari bararoyemw’ ar’ inyambukīra, nticabakwira kubg’ amasho yabo. 8#Ita 32:3.Nuko Esau aja kuba ku musozi Seyiri: Esau ni we Edomu.
9Uru ni rwo ruvyaro rwa Esau sekuruza w’Abanyedomu bo ku musozi Seyiri. 10#Ita 36:4.Bene Esau aya ni yo mazina yabo: uwa Ada muka Esau ni Elifazi, n’uwa Basemati muka Esau ni Ruweli. 11#1 Ngo 1:36, 37.Bene Elifazi ni Temani na Omari na Sefo na Gatamu na Kenazi. 12#Guh 24:20; Gus 25:17-19; 1 Sam 15:2, 3.Kandi Timuna yar’ incoreke ya Elifazi mwene Esau: Elifazi avyarana na we Amaleki: abo ni bo buzukuru ba Ada, muka Esau. 13Kand’ aba ni bo bene Ruweli: Nahati na Zera na Shama na Miza: abo ni bo buzukuru ba Basemati, muka Esau. 14Kand’ aba ni bo bene Oholibama muka Esau, umukobga wa Ana, Ana mwene Sibeyoni: Esau avyarana na Oholibama Yushi na Yalamu na Kora.
15Aba ni bo bakuru b’imiryango yakomōtse ku bahungu ba Esau. Bene Elifazi imfura ya Esau, abakuru b’imiryango, n’aba: Temani, na Omari, na Sefo, na Kenazi, 16na Kora, na Gatamu, na Amaleki: abo ni bo bakuru b’imiryango yandurutse kuri Elifazi mu gihugu ca Edomu; abo ni bo buzukuru ba Ada. 17Kandi bene Ruweli mwene Esau, abakuru b’imiryango, n’aba: Nahati, na Zera, na Shama, na Miza: abo ni bo bakuru b’imiryango yandurutse kuri Ruweli mu gihugu ca Edomu; abo ni bo buzukuru ba Basemati muka Esau. 18Abo Esau yavyaranye na Oholibama umugore wiwe, abakuru b’imiryango n’aba: Yushi na Yalamu na Kora: abo ni bo bakuru b’imiryango yandurutse kuri Oholibama muka Esau, mwene Ana. 19Abo ni bo bo mu nda ya Esau, ari we Edomu; abo ni bo bakuru b’imiryango yabo.
Uruvyaro rwa Seyiri
20 #
1 Ngo 1:38-42. #
Ita 14:6; Gus 2:12, 22. Aba ni bo bene Seyiri Umuhori, ben’ ico gihugu: Lotani na Shobali na Sibeyoni na Ana, 21na Dishoni na Etseri na Dishani: abo ni bo bakuru b’imiryango bākomōtse mu Bahori, ari bo bene Seyiri, mu gihugu ca Edomu. 22Bene Lotani ni Hori na Hemamu; kandi mushiki wa Lotani yari Timuna. 23Kand’ aba ni bo bene Shobali: Alivani na Manahati na Ebali na Shefo na Onamu. 24Kand’ aba ni bo bene Sibeyoni: Aya na Ana: Ana uwo ni we yahūmutse ku mbizi y’amashuha mu bugaragwa, aragiye indogoba za se Sibeyoni. 25Kand’ aba ni bo bene Ana: Dishoni na Oholibama, umukobga wa Ana nyene. 26Kand’ aba ni bo bene Dishoni: Hemudani na Eshibani na Yitirani na Kerani. 27Kand’ aba ni bo bene Etseri: Biluhani na Zavani na Akani. 28Kand’ aba ni bo bene Dishani: Uzi na Arani. 29Aba ni bo bakuru b’imiryango bākomōtse mu Bahori: Lotani na Shobali na Sibeyoni na Ana, 30na Dishoni na Etseri na Dishani; abo ni bo bakuru b’imiryango bākomōtse mu Bahori, nk’ukw imiryango yabo iri mu gihugu c’i Seyiri.
Abami b’igihugu ca Edomu
31 #
1 Ngo 1:43-50. Aba ni bo bami babaye ku ngoma mu gihugu ca Edomu, hatarīma umwami mu Bisirayeli. 32Bela mwene Beyori yaganza muri Edomu; umurwa wiwe witwa Dinihaba. 33Bela atanze, Yobabu mwene Zera w’i Bosira asubira ku ngoma yiwe. 34Yobabu atanze, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani asubira ku ngoma yiwe. 35Hushamu atanze, Hadadi mwene Bedadi, umwe yaneshereza Abamidiyani mu gihugu c’i Mowabu, asubira ku ngoma yiwe; umurwa wiwe witwa Aviti. 36Hadadi atanze, Samula w’i Masireka asubira ku ngoma yiwe. 37Samula atanze, Sauli w’i Rehoboti ahahera kuri rwa Ruzi, asubira ku ngoma yiwe. 38Sauli atanze, Bayali‐hanani mwene Akibori asubira ku ngoma yiwe. 39Bayali‐hanani mwene Akibori atanze, Hadari asubira ku ngoma yiwe; umurwa wiwe witwa Pawu; umwamikazi wiwe yitwa Mehetabeli, umukobga wa Matiredi, Matiredi umukobga wa Mezahabu.
40 #
1 Ngo 1:51-54. Aya ni yo mazina y’abakuru b’ imiryango bandurutse kuri Esau, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ ukw ibihugu vyabo biri, nk’ukw amazina yabo ari: abakuru b’imiryango ni Timuna na Aliwa na Yeteti, 41na Oholibama na Ela na Pinoni, 42na Kenazi na Temani na Mibusari, 43na Magidiyeli na Iramu. Abo ni bo bakuru b’imiryango yakomōtse kuri Edomu ari we Esau, sekuruza w’ Abanyedomu, nk’ukw amashamvu yabo ari mu gihugu bīzīziye.
Currently Selected:
Itanguriro 36: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967