YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 37

37
Inzozi za Yosefu
1Yakobo aba mu gihugu se yabayemw’ ar’ inyambukīra, ni co gihugu c’i Kanani. 2Ivy’ uruvyaro rwa Yakobo n’ibi.
Yosefu, amaze imyaka cumi n’ indwi, yaragirana umukuku na bene se; kandi yar’ akir’ umwana kuri bene Biluha na bene Zilupa baka se: kandi yama abarira se inkuru z’ibibi bakora. 3#2 Sam 13:18.Isirayeli yafyinisha Yosefu kuruta abana biwe bose, kuko yamuvyaye ashaje: amubarīriza umwambaro muremure w’amaboko.#37:3 Canke: umwambaro w’ikiyoberane. 4Bene se babona yuko se amukunda kumubarutisha bose; baramwanka, ntibaba bakimubarira neza atar’ ukumuhirika.
5Yosefu arota inzozi, azirotorera bene se, barushiriza kumwanka. 6Arababarira, at’ Enda ni mwumve inzozi narose: 7#Ita 42:6; 43:26; 44:14.narose dutekera imikama y’ingano, uwanje mukama uriyegura, urēma; maz’ iyanyu mikama iraza, ikikiza uwanje, irawunamira. 8Bene se baramubaza, bat’ Aho ni wewe uzotuganza? ni wewe uzodutwara? Izo nzozi ziwe n’ayo majambo yiwe bituma barushiriza kumwanka. 9Yongera kurota izindi nzozi, azirotorera bene se, ati Nongeye kurota izindi nzozi; narose izuba n’ ukwezi n’inyenyeri cumi n’imwe binyunamira. 10#Ita 35:18.Azirotorera se na bene se. Se aramukankamira, at’ Izo nzozi n’inzozi ki? Aho jewe na nyoko na bakuru bawe tuzoza dukubite inkoro hasi imbere yawe? 11#Luk 2:19, 51; Ivyak 7:9.Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.
12Maze bene se baja kuragira umukuku wa se i Shekemu. 13Isirayeli abarira Yosefu, ati Harya bakuru bawe ntibaragiye umukuku i Shekemu? Enda ngwino ngutume kuri bo. Aramwishura, ati Ntuma. 14#Ita 35:27.Aramubarira, ati Genda urābe ko bakuru bawe bar’ amahoro, n’umukuku k’ur’ amahoro, uheze ugaruke umbarire. Nukw aramutuma, ava mu kiyaya c’i Heburoni, ashika i Shekemu. 15Arikw arazimagirika ku misozi, bahūra bukwi na bukwi n’umugabo. Uwo mugabo aramubaza, at’ Urondera iki? 16Aramwishura, ati Ndondera abo tuvukana: ntabara undangire aho baragiye. 17Uwo mugabo aramwishura, ati Baravuye ino, kuko numvise bavugana, bati Tuje i Dotani. Nuko Yosefu akurikira bene se, abasanga i Dotani. 18#Zab 31:13; 37:12.Bamubona akiri kure, maz’ atarabashikīra, bamugīra inama yo kumwica. 19Baravugana, bati Nguriya karosi araje! 20Ni muze tumwice, tumuterere mu rwobo rumwe mur’ ibi, duheze tuvuge, tut’ Igikōko c’inkazi caramuriye: tuze turābe inzozi ziwe uko zizoba! 21#Ita 42:22.Reyubeni avyumvise, arondera uburyo bgo kumubakiza, arababgira, at’ Enda tureke kumwica. 22Kand’ ati Ntimuvishe amaraso, ariko mumuterere mur’ uru rwobo rur’ aha mu bugaragwa, ariko ntimumukozekw amaboko. Kwar’ ukugira ngw amurokore, amukūre mu maboko yabo, amusubize se. 23Maze Yosefu ashikiriye bene se, bamukiza wa mwambaro wiwe muremure w’amaboko yari yambaye, 24baramukwega, bamuterera muri rwa rwobo rwimbiwe kubikamw’ amazi; ariko rwari gusa, nta mazi yarimwo.
25 # Ita 37:28, 36; 39:1; Yes 21:13. Baraheza baricara ngo barye; bunamuye amaso babona igugu ry’Abishimayeli bavuye i Gileyadi, bari n’ingamiya zīremētse imibavu n’imiti yo gusomōra n’isenga, babimanukana muri Egiputa. 26Yuda abarira abo bavukana, ati Vyotumarira iki kwica mwene data, no kumuzimanganya? 27#Ita 29:14; 1 Sam 18:17.Enda ni muze tumugure na barya Bishimayeli, amaboko yacu yoye kumukorako, kukw ari mwene data, tukaba akara kamwe. Baca baramwumvira. 28#Ita 37:36; 45:4, 5; Zab 105:17; Ivyak 7:9.Hahita Abamidiyani b’abadandaza; bakwega Yosefu, bamukūra muri rwa rwobo, bamugura na ba Bishimayeli amahera y’ifeza mirongwibiri. Bashōra Yosefu muri Egiputa.
29 # Ita 44:13; Guh 14:6; 2 Sam 1:11; Yob 1:20. Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe. 30#Ita 42:13, 36; Yer 31:15.Asubira kuri barumuna be, at’ Umwana ntakiriyo; none jeho ndakwirwa hehe? 31Bābīra wa mwambaro wa Yosefu, babāga isuguru y’impene, bawujobeka mu maraso yayo; 32barungikira se wa mwambaro muremure w’amaboko, bamutumako, bat’ Uwo mwambaro twarawutoye: rāba ko woba uw’ umwana wawe, canke kw atari wo. 33#Ita 44:28.Arawumenya, aravuga, ati N’umwambaro w’umwana wanje! Igikōko c’inkazi caramuriye! Yosefu yaratabaguwe, nta kindi! 34#Ita 37:29.Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe. 35#2 Sam 12:17.Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.
36 # Ita 37:28; 39:1. Ba Bamidiyani, bashikanye Yosefu muri Egiputa, bamugura na Potifari, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira.

Currently Selected:

Itanguriro 37: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in