Itanguriro 38
38
Yuda avyara Peresi kuri Tamari, umukazana wiwe
1 #
Ita 19:3; 2 Abam 4:8. Mur’ iyo misi Yuda avana n’abo bavukana, aramanuka, asembera ku Munyadulamu yitwa Hira. 2#Ita 46:12; 1 Ngo 2:3.Yuda abonay’ umukobga wa Shuwa Umunyakanani; aramujana, aramurongora. 3Asama inda, avyara umuhungu, amwita Eri. 4Asama inda y’ubuheta, avyara umuhungu, amwita Onani. 5Yongera kuvyara uwundi muhungu, amwita Shela; kand’ uyo yamuvyaye Yuda ar’ i Kezibu. 6Yuda asabira imfura yiwe Eri umugeni yitwa Tamari. 7Eri, imfura ya Yuda, yar’ umunyavyaha mu nyonga z’Uhoraho; nuk’ Uhoraho aramwica. 8#Gus 25:5, 6; Mrk 12:19.Yuda abarira Onani, ati Cūra umugoranyu, umugirire nk’uko bibereye muramu w’umuntu, uhonore mwene nyoko. 9Onani amenya yuk’ umwana atazoba uwiwe; nukw iy’ aryamanye n’umugorabo, akarekurira hasi intanga, kugira ngo ntahonore mwene nyina. 10#Guh 26:19.Ico kintu yakoze cari kibi mu nyonga z’Uhoraho, na we nyene aramwica. 11#Lew 22:13; Rus 1:13.Maze Yuda abarira Tamari umukazana wiwe, ati Genda ube uragumye kwa so ur’ umupfakazi, ushitse ah’ umwana wanje Shela azokurira: kuko yivuganya, at’ Uyo na we ntahave apfa nka bene nyina. Tamari aragenda aguma kwa se.
12 #
Ita 24:67; 2 Sam 13:39. Haciye igihe, muka Yuda arapfa, umukobga wa Shuwa. Yuda amaze kuganduka, aradūga aja i Timuna, ku bamukemurira intama, ari kumwe n’umugenzi wiwe Hira Umunyadulamu. 13Babarira Tamari, bati Sobukwe aradūze, agiye i Timuna gukemuza intama ziwe. 14#Ita 38:11, 26.Yiyambura imyambaro y’ubupfakazi, yitwikira umwitwikiro wiwe, yipfuka mu maso, aja kwicara kw irembo ry’igisagara Enayimu, ku nzira ija i Timuna; kuko yabonye ko Shela amaze gukura, ntibamumuha ngw amucūre. 15Yuda amubonye, agira ngo ni maraya, kuko yari yitwikiriye mu maso. 16#Ezk 16:33.Akebereza ah’ ari i ruhande y’inzira, ati Ndakwinginze, n’umpe turyamane: kukw atāmenye kw ar’umukazana wiwe. Aramwishura, ati Ni naguha ngo turyamane, urampēra iki? 17Aramwishura, ati Ndakurungikira isuguru y’impene nkūye mu mukuku. Aramubaza, at’ Urampa ingwati, kugeza ah’ uzoyirungikira? 18Na we aramubaza, at’ Ugomba ko ndaguha ingwati ki? Aramwishura, ati Mpa impeta yawe irikw ikimenyetso, hamwe n’umugozi wayo, n’iyo nkoni witwaje. Arabimuha, bararyamana, amutera inda. 19#Ita 38:14.Tamari aca ava hasi, arīgīra, yiyambura wa mwitwikiro, yambara imyambaro yiwe y’ubupfakazi. 20Yuda arungikana wa mugenzi wiwe w’Umunyadulamu ya suguru y’impene, kugira ngw acungure za ngwati kuri wa mugore: arikw aramubura. 21Aca abaza abagabo b’aho hantu, ati Maraya ari hehe, yar’i ruhande y’ inzira ya Enayimu? Baramwishura, bati Nta maraya yigeze ino. 22Asubira kuri Yuda, aramubgira, ati Nta we nabonye, kandi n’abagabo baho bampakaniye, ngo Nta maraya yigezeyo. 23Yuda aramwishura, ati N’abitware! Enda tureke kwiyambika ibara: rāba namurungikiye ya suguru, ntiwamubona.
24 #
Lew 21:9; Abac 19:2. Hahise amezi nk’atatu, babarira Yuda, bati Tamari umukazana wawe yarasambanye, mber’ afise n’inda. Yuda arababgira, ati Ni mugende mumusohokane, mumute mu muriro. 25#Ita 38:18.Bakimusohokana, atuma kuri sebukwe, ati Nyen’ ibi bintu ni we yanteye inda; kand’ ati Ndakwinginze, itegereze ivyo, inavyo uw’ari we: iyo mpeta irikw ikimenyetso, n’imigozi yayo, n’iyo nkoni. 26#Ita 38:14; 1 Sam 24:17.Yuda yemera kw ar’ ivyiwe, at’ Arantsinze, kuko ntamuhaye Shela umwana wanje. Nuko Yuda ntiyongera kumwegera ukundi.
27Maz’ igihe ciwe co kuvyara kigeze, inda yiwe yar’ amahasa. 28Ari ku rwahi, umwe atangura kuzana igikonjo; umwākirizi aragifata, akizingirakw akanyuzi gasa n’agahama, at’ Uyu ni we Bukuru. 29#1 Ngo 2:4.Igikonjo ciwe citeye, uwar’ inyuma aravuka: umwākirizi aravuga, ati N’iki gitumye wīcīra icuho? Ni co catumye bamwita Peresi.#38:29 Peresi risobanurwa ngw Icuho. 30Hanyuma mugenzi we aravuka, afise rwa runyuzi rusa n’agahama ku gikonjo: bamwita Zera.
Currently Selected:
Itanguriro 38: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967