Abalewi 19
19
Ivyagezwe vy’uburyo butari bumwe
1Uhoraho abarira Mose, 2#Lew 11:44, 45; 20:7, 26; 1 Pet 1:16.ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera. 3#Kuv 20:8, 12; Yes 56:2; 58:13.Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 4#Kuv 20:3-5; 34:17; Lew 26:1.Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 5#Lew 7:15-18.Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa. 6Umusi mugitanzeko abe ari wo kirīrwako nyene, bo na bukeye bgaho; ariko ni hagira ikizoshitsa ku musi ugira gatatu, kize giturirwe. 7Kandi ni caribgako na gatoya ku musi ugira gatatu, kizoba ar’ ikizira: ntikizokwemerwa; 8kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
9 #
Lew 23:22; Gus 24:19, 21. Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra. 10Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
11 #
Kuv 20:15; Lew 6:2, 3; Ef 4:25; Kol 3:9. Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane. 12#Kuv 20:7.Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.
13 #
Lew 6:2; Gus 24:14, 15; Mal 3:5. Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye. 14#Lew 19:32; 25:17; Gus 27:18; Umus 12:13; 1 Pet 2:17.Ntihaze hagire ūvuma igipfamatwi, canke ngo hagire ūshira imbere y’impumyi ikintu comutsitaza: ariko mugende mutinya jewe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho. 15#Kuv 23:2, 3; Gus 1:17; 16:19; Imig 24:23; Yak 2:9.Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye. 16#Kuv 23:1, 7; 1 Abam 21:10-13; Mat 26:60, 61.Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho. 17#Ita 27:41; Luk 17:3; Rom 1:32; Ef 5:11; 1 Tim 5:22; 1 Yoh 2:9, 11; 3:15.Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe; ariko ntaz’ abure kumuhanūra, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubg’ uwo. 18#Mat 5:43; 19:19; 22:39; Mrk 12:31; Luk 10:27; Rom 12:17, 19; 13:9; Gal 5:14; Yak 2:8.Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.
19 #
Lew 18:4; Gus 22:9-11. Muze mwitondere ivyagezwe vyanje. Ntihaze hagire ūbangurira ivy’ atunze ivyo bidahwanije ubgoko; canke ngo hagire ūsukiranya imbuto z’imiryango ibiri mu ndimiro yiwe; canke ngo hagire uwambara impuzu ijishwe mu nyuzi z’ubgoko bubiri.
20Umuntu ni yasambana n’ umuguranokazi ataribgacungurwe ngw aronke umwidegemvyo, kandi yar’ asabge n’uwundi; baze bahanwe, ariko ntibaze babice, kuk’ uwo atari n’umwidegemvyo. 21#Lew 6:6, 7.Uwo mugabo azane ikimazi ciwe c’impongano, akinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; ico kimazi kibe impfizi y’intama. 22Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.
23Kandi ni mwinjira ca gihugu, mugatera ibiti vy’ubgoko bgose vyama ibiribga, muze mubanze mwite ivyamye kuri vyo nk’ibizira; bize bimare imyaka itatu kuri mwebge ar’ ibizira; ntibize birībgeko. 24Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho. 25Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
26 #
Lew 17:10; Gus 18:10; 2 Abam 21:6. Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.
27 #
Lew 21:5; Yer 9:26. Ntimuze mukebēre umushatsi wo mu misaya, canke ngo mucācūre imitwe y’ubganwa bganyu. 28#Gus 14:1.Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho. 29#Gus 23:17; Hos 4:13, 14.Ntihaze hagire uwononesha umukobga wiwe kumutanga kuba maraya, kugira ngw igihugu coye kwisuka mu busambanyi, kikuzura ubushakanyi. 30#Lew 19:3; 26:2; Umus 5:1; Mat 21:12, 13.Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho. 31#Lew 20:6; 1 Sam 28:7; Yes 8:19.Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 32#Lew 19:14; Imig 20:29; 1 Tim 5:1.Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho. 33#Kuv 22:21.Umunyamahanga ni yaza mu gihugu canyu, akabana namwe, ntimuze mumugirire nabi. 34#Kuv 12:48, 49; Gus 10:19.Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 35Ntimuze mugoreke imanza, mu gusuzuma ivyo kugeresha metero, cank’ ikilo, cank’ ingero. 36#Gus 25:13, 15; Imig 20:10.Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa. 37#Lew 18:4, 5.Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho.
Currently Selected:
Abalewi 19: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967