Abalewi 20
20
Ibihano vy’abaciye mu vyagezwe
1Uhoraho abarira Mose, 2#Lew 18:21.ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye. 3#Lew 17:10; 18:21; Ezk 5:11; 23:38, 39.Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera. 4#Gus 17:2, 3, 5.Arikw abantu bo mur’ ico gihugu ni birengagiza uwo muntu yashikaniye Moleki uwo mu bana biwe, ntibamwice; 5#Kuv 20:5; 34:15.jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.
6 #
Lew 19:31. Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo. 7#Kuv 22:31; Lew 11:44.Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu. 8#Kuv 31:13; Lew 18:4; Ezk 37:28.Kandi muze mwitondere amabgirizwa yanje, muyashitse: jewe Uhoraho ni jewe mbeza. 9#Kuv 21:17; 2 Sam 1:16; 1 Abam 2:32; Mat 15:4.Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.
10 #
Lew 18:20; Gus 22:22; Yoh 8:4, 5. Umuntu ni yasambana n’ umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa. 11#Lew 18:8.Ūryamanye na muka se aba yambitse se ubusa: bompi ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora. 12#Lew 18:15.Umuntu ni yaryamana n’umukazana wiwe, bompi ntibaze babure kwicwa: bazoba bavanze ibidahwanye: amaraso yabo ni bo azokora. 13#Lew 18:22.Umugabo yenze uwundi mugabo bga mugore, bompi bazoba bakoze ikizira: ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora. 14#Lew 18:17.Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge. 15#Lew 18:23.Umuntu ni yaryamana n’igitungano, ntaz’ abure kwicwa; na nya gitungano na co mucice. 16Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora. 17#Lew 18:9.Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe. 18#Lew 18:19.Umuntu ni yaryamana n’umugore akiri mu muhango wiwe, akamwambika ubusa, azoba yambitse ubusa isōko yiwe, na wa mugore azoba atwikuruye iyo sōko y’amaraso yiwe: bompi baze barandurwe mu bgoko bgabo. 19#Lew 18:6, 12, 13.Kandi ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo canke inasenge: ūzokora artyo azoba yambitse ubusa bene wabo: bazogībgako n’ukugabitanya kwabo. 20#Lew 18:14.Umuntu ni yaryamana na muka se wabo, azoba yambitse ubusa se wabo: bazogībgako n’icaha cabo: bazopfa ar’ imponnyi. 21#Lew 18:16.Umuntu ni yacikiza muka mwene nyina, bizoba ar’ ukwiyanduza: azoba yambitse ubusa mwene nyina; bazoba imponnyi.
Ingene Abisirayeli bakwiye kuba abera
22 #
Lew 18:4, 25. Nuko rero muze mwitondere amabgirizwa yanje yose n’ivyagezwe vyanje vyose, muvyumvire: kugira ngw igihugu mbajanyemwo ngo muhabe, ntikize kihave kibadahwa. 23#Lew 18:3, 24; Gus 9:5.Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka. 24#Kuv 3:17; 6:8; 19:5; 33:16; Gus 7:6; 1 Abam 8:53.Ariko mwebge narababgiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubūki: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabatandukanije n’ayandi mahanga. 25#Lew 11:2-47; Gus 14:4-20.Ni co gituma mukwiye gutandukanya ibihumanya n’ibidahumanya mu bitungano no mu bikōko, n’ibihumanya n’ibidahumanya mu bisīga no mu nyoni: ntimuze mwiyandurishe igitungano cank’ igikōko, cank’ igisīga cank’ inyoni, cank’ icikwega hasi ic’ ari co cose, ari vyo nasobanuye mu bindi ngo mumenye ko bihumanya. 26#Kuv 19:6; Lew 19:2.Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.
27 #
Kuv 22:18; Lew 19:31; 20:2, 9. Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.
Currently Selected:
Abalewi 20: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967