Abalewi 5
5
Ivyaha bimwe bo n’ibimazi bitangirwa
1 #
Imig 29:24; Mat 26:63. Ni babarahiza mw ikoraniro, umuntu akavyumva, agaheza agakora icaha co guhora ico yabonye n’ico azi, azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe. 2#Lew 11:24-39; Guh 19:11-16.Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha. 3#Lew 12:1-8; 13:1-59; 15:1-33.Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha. 4#1 Sam 14:24; 25:22; Mrk 6:23; Ivyak 23:12.Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha. 5#Lew 26:40; Guh 5:7; Ezr 10:11.Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze, 6anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.
7 #
Lew 14:21, 22; 12:8. Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa. 8#Lew 1:15, 17.Abizanire umuherezi, na we atangurire ku kimazi gitangirwa ivyaha, akinuse umutwe, arik’ umutumba waco ntawusature ngw awahukanye. 9Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha. 10Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.
11 #
Guh 5:15. Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha. 12#Lew 2:2.Aheze ayizanire umuherezi, na we ayikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso cayo, ayosereze ku gicaniro, ayishize ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’ umuriro: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha. 13Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.
Ibindi bimazi vy’impongano
14Uhoraho abarira Mose, 15#Kuv 30:13; Lew 22:14; Ezr 10:19.ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano. 16#Lew 4:26; 6:5; Guh 5:7.Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.
17 #
Lew 4:2. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe. 18Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa. 19Ico kizoba ar’ ikimazi c’impongano: n’ukuri koko, azoba yaratsinzwe imbere yanje.
Currently Selected:
Abalewi 5: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967